Raporo y'abajejwe intwaro muri komine Bugabira, mu ntara ya Kirundo m’uburaruko bw'Uburundi, itangaza ko kuva mu ntango z'umwaka gushika kw'igenekerezo rya cumi n'umunani ukwezi kwa kabiri, abantu mirongo itatu n'umunani nibo bamze gupfa kubera inzara. Iyo raporo ibitswe muri komine Bugabira, yerekana kandi ko inzara ikomeye iriko ituma imiryango ishika igihumbi n'amajana icenda ita ikomoka.
Kubera iyo nzara, abantu bahungira mu bihugu vy'Urwanda na Tanzania, no mu ntara ya Muyinga. Imvo nyamukuru zisigura iyo nzara, Abahinga basigura ivyerekeye iyo nzara, bavuga ko ishobora guhinduka ikitwa amapfa, kubera uruzuba rukomeye. Abanyagihugu babangamiwe cane ngo n'abo mu makomine ya Bugabira, Busoni na Kirundo. Abihangana nti bahunge, ngo bafise ingorane zo kuvuza abagwaye. Bamwe ngo bagurisha amabati y'inzu kugira ngo barihe amafaranga y'ibitaro. Abarongoye amashure bavuga ko mu miryango myinshi abana bahevye kwiga .
Abafasha ngo baramaze kuhashika, ariko ibikenewe ngo ni vyinshi, ugereranije n'amashirahamwe y'abagiraneza yitwararika ico gikorwa. Cassien Ndikuriyo atwara ishirahamwe, Help Channel, rikorera aho mu Kirundo yasiguriye Ijwi rya Amerika ko gufasha kugwanya inzara mu Kirundo bisaba imigambi ikomeye, cane cane mu gukingira ibidukikije, no gukoresha ubuhinga bwo kurima, mu turere tubangamiwe n’uruzuba. Mu mwaka w'i 2005, inzara yarateye aho mu Kirundo, abantu benshi barapfa, abandi barahunga. Amashirahamwe PAM, FAO na OCHA yarafashije mukugaburira abo bantu.