Uko wahagera

Abanyamigambwe n’Amasezerano Yerekeye Amatora


Mu nama yahujije abanyamigambwe kw’igenekerezo rya 16 ry’uku kwezi kwa kabiri, itunganijwe n'umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, imigambwe itandatu yarashize ibikumu ku masezerano yerekana ingendo n'inyifato itegerezwa kuranga abanyeporitike mu kiringo c'amatora. Ayo masezerano avuga ko bashobora guhanwa mu gihe badakurikije ivy biyemeje bijanye n’inyifato, kudatukana mu majambo no kwubahiriza amategeko yose y'igihugu n'ayagenga amatora.

Imigambwe myinshi nti yashize umukono kur'ayo masezerano, kubera inama yatanguye inyuma y’amasaha yari yategekanijwe. Mu kiganiro abanyamigambwe bitavye iyo nama bahaye Ijwi rya Amerika baraneguye ukuntu umushikiranganji yabatumiye ku kibazo gikomeye ariko nti yubahirize amasaha. Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana yiyemeje gukora uko ashoboye kwose kugira ngo imigambwe yose izobe yashize umukono kur'ayo masezerano, imbere y'impera z'iyi ndwi. Ayo masezerano nta gihano gitomoye ategekanya ku bazoyarengako, ariko mu ngingo yayo ya mirongo itatu na kabiri, handitse ko abatazokwubahiriza ayo masezerano, bashobora gukurikiranwa n'ingingo ziri mw'ibwirizwa nshingiro no mu mategeko mpana vyaha.

Ayo masezerano yavuye mu biganiro vyamaze igihe kirekire, kandi abonetse mu gihe c’ishamiranira hagati y'imigambwe nka CNDD-FDD na FNL, aho urwaruka rw'iyo migambwe rwatanye mu mitwe mu ntara zimwe zimwe, hagakomereka abatari bake. Ukwinubana, uguterana amajambo nivyo biranga imigambwe mu Burundi.

Mu gihe ayo masezerano yokwemezwa na bose bakayubahiriza, vyotuma amatora atunganywa mu mutekano, abanyagihugu bagatora mu mwidegemvyo.

XS
SM
MD
LG