Uko wahagera

Kwandika Abazotora mu Burundi


Igikogwa co kwandika abazokwitaba amatora yo mu Burundi carangiye, kandi icagaragaye ngo n’uko abakenyezi bitavye kwiyandikisha ari benshi kurusha abagabo. Ico gikorwa kikirangira, icegera c'umukuru w'umugwi ujejwe gutegura amatora, umupfasoni Margueritte Bukuru yabwiye Ijwi rya Amerika ko muri rusangi igikorwa caranguwe neza, kandi ko ibiharuro vy'abiyandikishije birenga imiriyoni zitatu n'ibihumbi amajana atanu. Abakenyezi nabo ngo bitavye ari benshi. Ibitigiri vy'abakurikirana irondoka ry'abantu vyerekana ko ku miriyoni umunani zivugwa mu Burundi, abakenyezi bagize ibice mirongo itandatu kw'ijana.

Iryo yandikwa ry'abazokwitaba amatora ryari ritegekanijwe kumara indwi zibiri, ariko umugwi ujejwe gutegura amatora CENI warongeye imisi itatu, usigura ko abantu batitavye bikwiye ico gikorwa, kubera bamwe batari bwaronke za karangamuntu zisabwa, abandi nabo ngo nti bari bwaronke inyigisho zikwiye zijanye n'akamaro k'amatora. Izo nazo ngo zirabandanya gutangwa.

Mur'ico gikorwa co kwandika abazokwitaba amatora, haribonekeje abantu bashaka kujuragiza abiyandikisha kubera imvo za poritike,ubusuma bw'abiyandikishije kenshi mu bibanza bitandukanye, canke bakagura impapuro z'abanyagihugu, kugira ngo babake uburenganzira bwo kuja gutora. Umupfasoni Margueritte Bukuru avuga ko bamwe bafashwe, abandi nabo ngo bazofatwa na vya vyuma vy’ubwenge buhanitse bita ordinateur.

Umugwi ujejwe gutegura amatora mu Burundi utegekanya ko abatora bazoshika imiriyoni zine. Uwuzokwerekana ko atashoboye kwiyandikisha kubera imvo zikomeye, ngo azoronswa umwanya wo kwiyandikisha. Ugereranije n'abatoye mu mwaka w'i 2005, abatora bazokwiyongera ko ibihumbi amajana atanu. Insiguro ngo n'uko mur'iyi myaka itanu irangiye, hari Abarundi benshi batahutse bava mu buhungiro.

XS
SM
MD
LG