Umukuru w'umugambwe MSD Alexis Sinduhije yatanguje kur'uwu w'Imana amatora yo ku mitumba. Ayo matora yatanguriye muri komine Busoni mu ntara ya Kirundo mu buraruko bw'Uburundi.
Umukuru w'umugambwe yasiguriye abanywanyi biwe ko ayo matora afise insiguro zibiri nya mukuru: guha akaryo mu mugambwe abanywanyi ko kwitorera ababarongora bazobaserukira mu matora y'igihugu. Iyindi nsiguro ngo n'ukwerekana ko umugambwe MSD uharanira demokarasi kandi ko ubigendera.
Ayo matora yo mu mugambwe MSD ngo agiye gutunganywa mu ntara zose z'igihugu, kuva ku nzego zo ku mitumba, gushika ku rwego rwo kurongora umugambwe, no kugena uwuzoserukira MSD mu matora y'igihugu ategekanijwe uyu mwaka w'i 2010.
Umugamwe MSD utwagwa n'uwahoze ari umumenyeshamakuru, Alexis Sinduhije, ubaye uwa mbere mu Burundi, utunganije amatora yo mu nzego zo hasi, kugira ngo abanywanyi b'imigambwe bigenere abazobaserukira mu matora. Mu yindi migambwe, umukuru w'umugambwe ari kumwe n'akagwi k'abanywanyi, batunganya urutonde uko bavyumva, bagaca bakarungikira umugwi w’igihugu, ujejwe gutegura amatora. Mu vyagiye biribonekeza, n’uko benshi mu baja kuri urwo rutonde, baba ari incuti canke abagenzi b'umukuru w'uwo mugambwe.