Uko wahagera

Abarundi Cumi n'Indwi  Birukanywe n’Igihugu ca Suede


Ku musi wa gatatu, igenekerezo rya gatatu, ukwezi kwa kabiri, umwaka wi 2010, isaha zitandatu zo ku mutaga, niho indege Boing 747 yururuka ku kibuga c'indege ca Bujumbura, ishikanye Abarundi cumi n'indwi birukanywe n’igihugu ca Suede. Abamenyeshamakuru n'abategetsi b’Uburundi bajejwe intwaro n'inzego z’igiporisi bakiriye abo barundi batahukanywe ku nguvu na reta ya Suede, bavuga ko bari baherekejwe n'abaporisi benshi b'ico gihugu.

Igihe abo barundi bashika, vyaribonekeza mu maso yabo ko bari bafise ishavu ryinshi. Abipfuza kubafata amasanamu barabankiye. Abemeye kuganira n'Ijwi rya Amerika ariko banse kwidondora, baranebaguye ukuntu birukanywe. Bamwe bavuga ko basizeyo abo mu bindi bihugu nabo nyene birukanywe, abandi nabo bakavuga ko batahawe umwanya wo gutekera utwabo.

Icatumye abo barundi batahukanwa ku nguvu, ngo n’uko bari babaye muri Suede batabifitiye uruhusha. Benshi muri bo baremera ko bari bamaze imyaka myinshi binyegeza, kuko ngo igikorwa co gusaba impapuro kiterera bose. Ngo hari abagira Imana bakaronka izo mpapuro, abandi nabo bakazibura. Ivyo bikaba vyatumye Abarundi benshi n'abandi banya Afirika bahungiye muri Suede, bafata ingingo yo kuba muri ico gihugu binyegeje.

Kubera ubukene n’intambara yamaze igihe kirekire mu Burundi, Abarundi batari bake, cane cane urwaruka, bafashe ingingo yo guhungira mu bihugu vya Bulayi, Amerika na Canada. Ariko kuva mu mwaka uheze, mu ngendo Perezida w'Uburundi, Petero Nkurunziza, amaze imisi agira mur'ivyo bihugu, yagiye asaba ko impunzi z'Abarundi zotahuka. Mu bihugu bimwe bimwe, nka Suede na Hollande, yumvikanye n'abagize intwaro ko borungika impunzi z’abarundi ku nguvu. Ivyo bikaba vyatumye Abarundi bo mu bihugu vyinshi vya Bulaya bagira imyiyerekano yo kwiyamiriza ayo masezerano.


XS
SM
MD
LG