Uko wahagera

Ejo Bite - Ukwiyungunganya kw'Urwaruka Rwahungutse


Mu Burundi, urwaruka rwahungutse ruriyungunganya kugira ngo nti ruzokwame ruzera inze. Mu kurindira iyera ry’imirima, abahungutse bo mu kigwati c’amahoro i Gitara muri komine Mabanda, babeshwaho n’imfashanyo. Yamara gutungwa n’ugutega amashi, bitanga umwizero muke nk’uko Bayaga Antoine umwe muri bo abishikiriza.

Muri iyo ntumbero imigambi yo kwiyungunganya, hamwe ifatiye ku gucuruza, ahandi naho ku gukora imyuga. Kuva Bukuru Denis aronse akazi ko kwubaka kuri shantiye A.E.P, umugambi wo gukwiragiza amazi meza mu banyagihugu, ubu arikenura mu rugo. Nduwimana Arthemon, umwe mu rwaruka rwahungutse, aremeza ko umwuga wo kubaza wahaye urwo rwaruka iciyumviro co gushinga ishirahamwe A.M.B ryishinze iterambere .

“ Turamaze kubona ko mu misi iza bizohava bitugora, twaciye tuja hamwe kugira ngo abahungutse tugire uruganda , kandi ndizeye ko ubu bukene turimwo buzohera ”
Ubumenyi bufatiye ku ndimi, n’akandi karyo ko kwiyungunganya mu bavuye m’ubuhungiro.

Twaratohoje dusanga urwaruka rw’abasangwa rubegera mu ntumbero yo kumenya ahanini ururimi rw’igiswahili. Haciye amezi abiri, Musafiri Juma, yigisha urwo rurimi. Yigisha banyeshure 22, kandi umwe atanga ibihumbi bitanu ku kwezi. Hambavu y’akarusho ahakura, amenyesha ko kumenya ururimi nk’igiswahili bikenewe, cane cane muri ibi bihe Uburundi bwinjiye mu muryango w’ibihugu vyo mu karere ko m’Ubuseruko bwa Afrika.

Inyungu z’umuyabaga Jackson zifatiye k’ukungene yorohewe ashitse mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya:

“ Ego ndacuruza nkaja kurangura i Kasulu. Ubu hariho uwahungutse atwigisha , ubu biratanguye kuza buke buke. Iyo utazi igiswahili, ugiye kurangura i Kasulu nti woroherwa kuko barya Batanzaniya no kukwiba barashobora kukwiba.”

Twibutse ko ikigwati ca Gitara kirimwo abantu bashika 812. Ni ica mbere ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi, HCR, ryemeza ko ryorohewe gushing, inyuma ya Nyakazi, Burye, na Mutambara.


XS
SM
MD
LG