Uko wahagera

Umugambwe Ugira Uwa 44 mu Burundi


Ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu mu Burundi, ku wa kabikiri, igenekerezo rya 26, ku muhingamo, bwaremeje umugambwe mushasha “FNL-Iragi rya Gahutu Remy”. Uwo mugambwe urongowe na Jacques Kenese yahoze mu mugambwe FNL, ubaye uwa mirongo ine na kane mu Burundi.

Abarongoye umugambwe FNL-Iragi rya Gahutu Remy, n'abantu birukanywe mu mugambwe FNL, bagirizwa icaha co gucanishamwo abanywanyi b’uwo mugambwe, bakoreshejwe n'umugambwe CNDD-FDD uri k'ubutegetsi. Mu bashinze uwo mugambwe mushasha, harimwo uwahoze avugira umuhari Palipehutu-FNL wahindutse umugambwe FNL.

Umukuru w'umugambwe FNL, Rwasa Agathon yabwiye Ijwi rya Amerika ko adatahura ingene uwo mugambwe ushobora kwemerwa kandi hariho uwundi witwa FNL ukoresha icivugo ca Gahutu Remy. Rwasa Agathon avuga ko hari inyifato yo gushaka kujuragiza abanywanyi ba FNL mu matora yimirije.

Iyo migambwe yose igwanira izina rya Gahutu Remy, kuko ariwe yatanguje umuhari Palipehutu- FNL, mu mwaka wi 1980,avuga ko ubwoko bw'abahutu bwarenganijwe. Kuva ico gihe uwo muhari waragwanije reta zose zagiye zirakurikirana gushika mu mwaka w'i 2008 inyuma y'amasezerano y'amahoro yashizweko ibikumu mu mwaka wi 2007 i Dar es Salaam muri Tanzania.

Kugwanira abashinze imigambwe vyari bimaze gushika mu mugambwe Sahwanya FRODEBU aho muganga Jean Minani yirukanywe mu mugambwe Sahwanya Frodebu agaca ashinga Sahwanya FRODEBU-Nyakuri iragi rya Ndadaye, yashinze umugambwe Sahwanya FRODEBU. Muri iki gihe abanyeporitike bariko bitegurira amatora, biribonekeza ko imigambwe ifise intumbero yo gusamburana.

XS
SM
MD
LG