Uko wahagera

Kugwanya Ivanguramoko, Amacakubiri, n’Urugomo


Ni uruhe ruhare abagore bashobora kugira mu bikorwa vyo kugwanya ivanguramoko, amacakuiri, n’urugomo? Ese bashobora kubikora neza kurusha abagabo? Baba se bashobora gutunganya ibiganiro mu makimbirane no kwumvikanisha abashamiranye kurusha bagenzi babo b’abagabo?

Ivyo ni ibibazo abagore bo m’ubuyobozi bwo mu bihugu vya Libani, Pakistani, Bosnia n’Urwanda, bunguranagaho ibitekerezo, mu nama y’imisi 15, barangije mu mpera z’icumweru gishize, muri Reta Zunzu Ubumwe za Amerika.

Iyo nama yitwaga “Uburyo busha bwo guhuza abantu bashamiranijwe n’ibibazo vy’ivangura, n’urugomo,” yakoreshejwe n’ikigo c’ubushakashatsi ku bibazo vy’umutekano kw’isi.

Umviriza ku buryo buramvuye ikiganiro umumenyeshamakuru Thomas Kamilindi yagiranye n’umutegarugori, Sweni Hunt, yigeze kuba Ambasaderi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu gihugu ca Autrishiya


XS
SM
MD
LG