Uko wahagera

Abatwa Bagiye Guhabwa Ibibaranga


Abatwa bo mu Burundi bagiye guhabwa Karangamuntu ku buntu . Umuyobozi mukuru wo m’ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu yatangaje kur'uwu wa kabiri, igenekerezo rya 12, ukwezi kwa mbere, ko igikorwa co gutanga karangamuntu ku buntu bo m’ubwoko bw’Abatwa kigiye gutangura kuva kur'uwu wa gatatu, igenekerezo rya 13, ukwezi kwa mbere. Terence Mbonabuca, yabwiye abamenyeshamakuru ko karangamuntu z'Abatwa barenga ibihumbi mirongo ibiri na kimwe zamaze gukorwa n'ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu.

Ubwo bushikiranganji bwarateye akamo abatwa bamaze hafi ukwezi bafashwe amafoto, ngo baje gutora karangamuntu zabo ku biro vy'abajejwe intwaro mu ntara no mu makomine baturukamwo. Umuyobozi Terence Mbonabuca asigura ko izo karangamuntu zifise akamaro kanini, kuko zibaha uburenganzira bwo gutora no kwitoza, kwivuza k'ubuntu, no kuronka imfashanyo zitandukanye zihabwa ba ntahonikora.

Kugira ngo umuntu aronke karangamuntu ategerezwa kuriha, ku babijejwe mu ntwaro, amafaranga igihumbi n'amajana atanu. Abatwa basanzwe bari mu migwi ikenye cane mu Burundi, bikaba bitoborohera kurihira izo karangamuntu. Ari naco gituma reta yafashe ingingo yo kuzibaronsa k'ubuntu. Kubera rusansuma ijanye no kumenya abazokwitaba amatora ategekanywa muri uyu mwaka wi 2010, kuronka karangamuntu nti vyoroshe muri ibi bihe. Abatavugarumwe na reta bagiriza abajejwe intwaro basanzwe bari muri CNDD-FDD ko baha karangamuntu abo mur'uwo mugambwe gusa.

XS
SM
MD
LG