Uko wahagera

Ingwara ya Marariya mu Burundi


Mu Burundi, ingwara ya Marariya irabangamiye amagara y'abantu mu ntara nyinshi z'igihugu. Abajejwe kwitaho amagara y'abantu baremeza ko iyo ngwara yagiye iriyongera mur'aya mezi ane arangiye. Batanga akarorero ku ntara ya Karusi, aho ibitigiri vyavuye ku bihumbi cumi bikaja ku bihumbi mirongo itatu n'umunani.

Kamwenubusa Godefroid, ajejwe ubuvuzi mu ntara ya Karusi, yabwiye Ijwi rya Amerika ko abantu bahitanwa n'iyo ngwara ari benshi cane muri ibi bihe. Abajejwe intwaro bavuga ko ku mitumba hapfa abantu batanu ku musi ku musi. Insiguro zitangwa n'uwujejwe ubuvuzi mu ntara ya Karusi, ngo imvura nyinshi niyo ituma marariya igwirirana, abanyagihugu nabo nti birinde iyo ngwara mu gukoreshe imisegetera.

Mu bushikiranganji bujejwe amagara y'abantu baremeza ko ibice birenga mirongo umunani kw'ijana vy'abakirwa mu bitaro, basanga bagwaye marariya. Umushikiranganji Emmanuel Gikoro asaba abajejwe amagara y'abantu n'abajejwe intwaro gufashanya mu guhimiriza abanyagihugu ngo bakoreshe imisegetera, abagiraneza nabo bafashe kugwiza imisegetera.

XS
SM
MD
LG