Uko wahagera

Umutekano mu Ndege no mu Bibuga vy’Indege


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yavuze ko ibiro bijejwe iperereza vyananiwe gushira hamwe amakuru y’iperereza bari bafise mu vyari gushobora gutuma umunya Nigeria, Umar Farouk Abdullmutallab atinjira mu ndege yari igiye mu gisagara ca Detroit ivuye mu gisagara ca Amsterdam ku musi wa Noel.

Mw’ijambo yashikirije abanyamerika ejo ku musi wa kane, Prezida Obama yavuze ko uburyo bwa mbere bwo kwikingira ari guhanahana amakuru y’iperereza, n’ugufata ingingo bidatevye kuri ayo makuru. Prezida Obama yavuze ko amakosa yabaye kandi ko ariwe, mu mabanga y’umukuru w’igihugu, abazwa ivyab aye mu gihe ayo makosa abaye.

Prezida Obama yatangaje ko atarajwe ishinga n’ukudoma urutoke ku bakoze ayo makosa, ngo ikimuraje ishinga n’ugukosora amakosa yakozwe.

Prezida Obama yatangaje ko yategetse ihindugwa ry’ukungene amakuru yerekeye iperereza ku bitero bishobora kugigwa akoreshwa.

Yarongeye atangaza kandi ko ashaka gukomeza uburyo abantu bongegwa ku rutonde rwa Amerika rw’abantu bakwikiranigwa hafi ku bijanye n’iterabwoba, n’abantu batarekuriwe kuja mu ndege za Amerika.

Muri ico gihe abajejwe uruja n’urruza rw’indege zitwara abantu mu karere k’I Bulaya barabonaniye, ejo ku musi wa kane, i Bruxelles ku murwa mukuru w’Ububiligi, kugira ngo baganire ku ngingo zerekeye umutekano ku bibuga vy’indege, abategetsi b’igihugu c’Ubwongereza bakaba bariko babigenza nkuko mu gihe amaleta ariko agerageza gufata ingingo ku buryo bwiza bwo gukingira indege zitwara abantu n’abazigenderamwo, inyuma y’uko igitero ca bombe kigeragejwe ku ndege itwara abantu ya Amerika ku musi wa Noel.

XS
SM
MD
LG