Uko wahagera

Itangwa ry'Ikarata Karangamuntu mu Burundi 


Kuva ku musi wa kabiri igenekerezo rya 15 ukwezi kw’icumi na kabiri, abanyamigambwe batanguye impari zishimikiye k’ukuntu ikarata karangamuntu ziha abanyagihugu uburenganzira bwo gutora ziriko ziratangwa. Ku bw'imigambwe itavuga rumwe na reta, ngo izo karata zitangwa nabi n'abajejwe intwaro.Abarongoye imigambwe itavuga rumwe na reta bagiriza abatwara amakomine mu gihugu hagati ko baha ayo makarata abanywanyi b'umugambwe uri k'ubutegetsi gusa. Iyo abanywanyi b'iyindi migambwe bagiye gusaba ayo makarata ngo barirukanwa. Ivyo ngo bikorwa mu ntumbero yo kubuza abatavuga rumwe na reta kuja mu matora yimirije

Abanegura ico gikorwa co gutanga za karangamuntu bavuga kandi ko ayo makarata ariko ahabwa abanyamahanga, kugira ngo bazotore umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi. Ivyo ngo bigirwa cane cane muri komine Rumonge, aho Abakongomani ngo basabwa mu kinyegero gutora umugambwe CNDD-FDD

Abajejwe intwaro barahakana ivyo bagirizwa. Ishami rya ONU rijejwe iterambere PNUD, ririko rirafasha gutegura ayo matora, ryaremeye gufasha kugira ngo umuntu wese abifitye uburenganzira aronke ikarata karangamuntu. Ishirahamwe PNUD ryariyemeje kandi gufasha, kugira ngo amakosa ari mur'ico gikorwa akosogwe, ariko imigambwe itavugarumwe na reta isaba ko yoza iragishwa inama

XS
SM
MD
LG