Uko wahagera

Ikirangamisi c’Amatora yo mu Mwaka wi 2010 mu Burundi 


Umugwi ujejwe gutegura amatora washize ahabona ikirangamisi c’amatora. Kw’igenekerezo rya 15 ukwezi kwa 12, Pierre Claver Ndayicariye, umukuru w'umugwi ujejwe gutegura amatora mu Burundi yatangaje ikirangamisi c'amatora yimirije mu mwaka w'i 2010. Ico kirangamisi cerekana ko amatora atanu ategekanijwe azoringanizwa mu mezi atanu ari imbere.

Imbere y'abamenyeshamakuru n'abanyaporitike bari bamaze imisi myinshi barindiriye ico kirangamisi, Pierre Claver Ndayicariye yavuze ko amatora y'abahanuzwajambo mu makomine ariyo azotangura, kw'igenekerezo rya 21, ukwezi kwa gatanu. Amatora y'umukuru w'igihugu azoca akurikira kw'igenekerezo rya 28 ukwezi kwa gatandatu, hakurikire amatora y'abashingamateka kw'igenekerezo rya 23 ukwezi kw'indwi. Abakenguzamateka bazotorwa kw'igenekerezo rya 28 ukwezi kw'indwi, hasozere amatora y'abayoboye imitumba ategekanijwe kw’itariki 7 ukwezi kw'icenda.

Ikirangamisi gisaba ko abazokwitoza bashikiriza amazina n'ibimenyetso bibaranga imbere y’impera z’ukwezi kwa mbere, umwaka wi 2010. Umukuru w'igihugu ategerezwa kuba yashize umukono kw'itegeko rihamagaza amatora kw'igenekerezo rya 6 ukwezi kwa kane, umwaka wi 2010. Abazohiganwa hamwe n'abanyamigambwe barekuriwe kwiyamamaza mu kiringo c'imisi 18 imbere y'amatora yose. Ayo matora atunganijwe inyuma y’uko umurwi wanyuma witwaje ibirwanisho FNL uhagaritse intambara, ukemera kuja mu mahiganwa ya poritike.

XS
SM
MD
LG