Uko wahagera

Ikibazo c’Ihindarukira ry’Ibihe muri Afrika


Mu gihe amakungu ariko yitegurira ibiganiro kw’ihindagurika ry’ibihe izobera mu gisagara ca Copenhagen mu kwezi kuza, twaravuganye na Zenon Nicayenzi, umuhinga mpanuzwajambo ku bibazo vyerekeye ubutunzi n’iterambere ku kugena ico kibazo cifashe muri iki gihe muri Afrika n’ico yibaza ku ntumbero abategetsi b’ibihugu vyo muri Afrika bogira ku vyerekeye kugwanya inkurikizi mbi z’ihindagurika ry’ibihe muri Afrika.

Ku kugene ico kibazo cifashe muri Afrika, Zenon Nicayenzi amenyesha ko ari ikibazo gikomeye cane kandi cibonekeza ku buryo bugaragara bifatiye cane cane ku guhonya n’uguturira amashamba.Yamenyesheje ko abategetsi b’ibihugu vyo muri Afrika bakwiriye kwikebuka bagahagarika guhonya amashamba n’ukuyagurisha ku banyamahanga batitaho inyungu za Afrika.

Zenon Nicayenzi yavuze ko abategetsi b’ibihugu vyo muri Afrika bakwiriye kubona ko amashamba muri Afrika ari itunga ridashumbushwa rikwiriye gukingigwa ngo ahandi ho mu misi iri imbere akarere kose ka Afrika kazocika ubugaragwa

XS
SM
MD
LG