Uko wahagera

Uburundi Bwanse guha Ubuhungiro Impunzi z'Abanyarwanda.  


Uburundi Bwanse guha Ubuhungiro Impunzi z'Abanyarwanda. Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu bwasohoye kur'uwu wa kabiri urwandiko rwima ubuhungiro impunzi mirongo itandatu z'Abanyarwanda zimaze amezi atatu mu buraruko bw'Uburundi. Urwo rwandiko rwahawe amaradiyo n'ibindi binyamakuru rusigura ko amatohozwa yakozwe ku madosiye y'izo mpunzi yerekanye ko atacotuma abo banyarwanda bahabwa ubuhungiro.

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagti mu gihugu rurerekana ko intumwa z'Abarundi zarungitswe gutohoza mu Rwanda zasanze ata mutekano muke uri mur'ico gihugu canke ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu ryotuma abantu bahunga igihugu. Impunzi z'Abanyarwanda zahungiye mu buraruko bw'Uburundi mu kwezi kwa munani zashika amajana atatu ariko mu nyuma abarenga amajana abiri barasubuye inyuma kubera ko bavyishakiye canke basubijwe inyuma ku nguvu, mirongo itandatu nibo bari batanze amadosiye yo gusaba ubuhungiro n'ubwo bataronse inyishu ibashimisha.

Mu nsiguro zitangwa mu rwandiko rwima izo mpunzi ubuhungiro vyanditse kandi ko guha ubuhungiro abo Banyarwanda vyohava bituma umutekano uhungabana na cane cane muri kino gihe Uburundi buriko butegura amatora. Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana aremeza ko mu mpunzi zasavye ubuhungiro hariho abariko bakoresha amafaranga mu kugura ikarata w'ubwenegihugu akagabisha abariko barabikora. Izo mpunzi z'Abanyarwanda zigihungira mu ntara za Kirindo na Ngonzi zhana urubibe n'Urwanda, zavuga ko ziriko zihunga itotezwa bagirizwa ko bagize uruhara mw'ihonyabwoko ariko abategetsi b'i Kigali basiguye ko abo bantu bahunga agacaca kandi basaba ko batohabwa ubuhungiro.



XS
SM
MD
LG