Uko wahagera

Inama yo Kunagura Uburimyi mu Burundi


Abaserukira ibihugu mirongo ibiri na bibiri bakoraniye i Bujmbura mu nama y'imisi itatu. Intumbero y’iyo nama ni uguhanahana ivyiyumviro vyofasha kunagura uburimyi mur'ivyo bihugu vyo mu turere two mu bumanuko no mu buseruka bwa Afrika. Iyo nama yatunganijwe n'ishami mpuzamakungu FIDA rijejwe uburimyi n'ubworozi, yitabwe n'abantu barenga ijana na mirongo itanu.

Abitavye iyo nama basabwa guhanahana ivyiyumviro n'inyigisho zofasha ibihugu kunagura uburimyi. Umukuru w’ishirahamwe FIDA mu turere twa Afrika yo mu buseruko no mu bumanuko ryatangaje ko ingorane nya mukuru zibangamiye uburimyi ari, ihindagurika ry'ibihe, igwirirana ry'abantu n'ukwaga kw'isi.

Abahinga bagiye kuremesha ibiganiro bazoshimikira ku buhinga bwo kugwiza umwimbu biciye mu kunagura ubworozi no gushobora gushora ku massoko umwimbu. Abantu batumiwe muri iyo nama bazohanahana ivyiyumviro ku buryo imigambi ya FIDA ishigwa mu ngiro, n'uburyo iyo migambi ifasha abanyagihugu kwiteza imbere.

Gushika ubu FIDA ishigikiye imigambi umunani mu Burundi ikoresha imiriyoni amajana abiri y'amadolari y' Abanyamerika, iruhande y'amafaranga atangwa n'ibihugu vya Canada, Ububirigi n'ibindi, hamwe n’amashirahamwe OPEP na PAM.

Umugambi wa nyuma PAIVA-B ukoresha imiriyoni mirongo itatu z'amadorari uriko urarangugwa mu ntara zitanu z'igihugu.

XS
SM
MD
LG