Uko wahagera

Ingwara y'Akamangu k'Ingurube Iravugwa mu Burundi


Ubushikiranganji bujejwe kwitaho amagara y'abantu mu Burundi buratangaza ko abantu batandatu bamaze gufatwa n'ingwara y'akamangu k'ingurube. Umuntu wa mbere yinjiranye iyo ngwara ayivanye mu mahanga, aramaze kwadu kiza abantu batanu mu kiringo c'indwi zibiri, nk'uko vyemezwa na, Louis Mboneko, umuvugizi w'ubushikiranganji bujejwe amagara y'abantu. Umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu, muganga Emmanuel Gikoro, aremeza ko iyo ngwara ihagaritse umutima na, cane cane ko Uburundi butegerezwa kwikora ku gihugu kibanyi c'Urwanda, kugira ngo gipimishe abakekwa ko bafise iyo ngwara. Uburundi kandi ngo bufise imiti ishobora kuvura akamangu k'ingurube abantu bashika ku bihumbi cumi na bitandatu gusa.

N'ubwo mu bushikiranganji bujejwe kwitaho amagara y'abantu bemera ko hariho ingorane z'uburyo, muganga Emmanuel Gikoro arahumuriza abanyagihugu avuga ati “iyo ngwara ihitana abasanzwe bafise izindi ngwara.

Abanyagihugu baganiriye n'Ijwi rya Amerika, mu maksritiye atandukanye y'igisagara ca Bujumbura, bavuga ko batewe ubwoba cane n'iyo ngwara bavuga ko atakiriko kirakorwa kijanye no gukinga iyo ngwara. Ku mbibe ingezi zisigaye zisabwa kwandika ingwara umuntu aba afise. Abanyagihugu bavuga ko bidahagije kuko ata buryo bwo gupima iyo ngwara bafise. Bavuga kandi ko yiyerekana kandi ikandukira inyuma y'imisi indwi umuntu ayanduye.

Inyigisho ziriko ziratangwa ku maradiyo n'umuryango utabara imbabare Croix Rouge ufadikanije n'ubushikiranganji bujejwe kwitaho amagara y'abantu. Izo nyigisho zisigura ingene abantu bokwikingira n'ingene ingwara yandukira.

Abajejwe intwaro twashoboye kuvugana batubwiye ko batabona ingene bogwanya iyo ngwara, eka n'igikorwa co guhimiriza abanyagihugu nti kiratangura. Mu bushikiranganji bujejwe kwitaho amagara y'abantu basigura ko umuntu wese ahakora ategerezwa kwitwararika iyo ngwara, ariko no mu mashure twagiyeko mu gisagara ca Bujumbura, abayobozi batubwiye ko atanyigisho zikwiye bararonswa kugira ngo bashobore gukurikirana abana.

XS
SM
MD
LG