Uko wahagera

Abanya Pakistani Indwi Barafashwe n’Abaporisi mu Burundi


Abantu indwi bamuka mu gihugu ca Pakistani barafashwe kur'uwu wa mbere mu gatando n'urwego rw'igiporisi mu ntara ya Ngonzi mu buraruko bw'Uburundi. Abo bantu bamaze amasaha menshi mu biro vy’abaporisi, Ariko inyuma y'umutanga bahavuye barekurwa. Inyuma y'igikorwa co kubumviriza,abaporisi bagumanye ibiranga abo banyamahanga. Abajejwe intwaro mu ntara ya Ngozi bemeza iyo nkuru bavuga ko abo banye Pakisitani bose ari aba Isiramu b'abanyamahanga. Ngo bari bamaze imisi bigisha mu misigiti, ariko ngo ugwego gw’abaporisi rwashatse kumenya neza abo aribo.

Sheik Kajandi Sadiki atwara ishirahamwe ry'aba Isiramu mu Burundi yabwiye Ijwi rya Amerika ko abo bantu bafashwe bari ku kazi ko gutanga ubutumwa bw'idini rya isiramu, kandi ko basanzwe baza mur'ico gikorwa bakamara ukwezi kurenga bigisha mu misigiti itandukanye yo mu gihugu. Sheik Sadiki Kajanda avuga kandi ko imbere y'uko abo banyamahanga bahagarikwa buramatari w'intara ya ngozi yabanje kubimumenyesha.

Umuvugizi w'ugwego gw’abaporisi, Pierre Channel Ntarabaganyi, nta bintu vyinshi yashimye kuvuga kur'iryo hagarikwa ry'Abanyepakisitani mu ntara ya Ngozi, ariko aremeza ko igikorwa co kugendura uruja n'uruza rw'abantu cakomejwe kuva aho, mu ntango z'ukwezi kw'icumi, umurwi w'intagondwa z'abanywanyi bo mw’idini rya Isiramu Al shabab wo muri Somalia utangarije ko ugiye gukora ibitero mu bisagara vya Bujumbura na Kampala. Urwego rw'abaporisi rurabandanya gukomeza kugendura uruja n'uruza rw'abantu. Aba Isiramu baganiriye n'Ijwi rya Amerika bavuga ko mu mabarabara bakwa ibibaranga gusumba abandi. Abarabu n'abantu basa n'Abasomaliya bari mu bitonderwa mur'ico gikorwa. Urwego rw'abaporisi ruremeza ko hariho ingingo nyinshi zafashwe zidashobora gutanganzwa ku neza y'umutekano w'abanyagihugu.


XS
SM
MD
LG