Uko wahagera

Haheze Imyaka 16 Perezida Melchior Ndadaye Agandaguwe  


Inyuma y'imyaka cumi n'itandatu perezida Melchior Ndadaye abamugandaguye bose ntibararengutswa imbere y'ubutungane. Abarundi baraye bahimbaje imyaka cumi n'itandatu irangiye umukuru w'igihugu Perezida Melchior Ndadaye agandaguwe. Umugambwe wiwe Sahwanya-FRODEBU uranegura kubona abagandaguye Melchior Ndadaye batararegutswa bose imbere y'ubutungane. Leonce Ngendakumana atwara umugambwe Sahwanya FRODEBU yabwiye Ijwi rya Amerika ko ubutegetsi bw'umugambwe CNDD-FDD bugiye kumara imyaka itanu buterekanye ishaka ryo gushira ahabona ivyerekeye urubanza rw'abagandaguye Perezida Mechior Ndadaye.

Philippe Nzobonariba avugira reta y'Uburundi, yasiguriye Ijwi rya Amerika avuga ko urubanza rwerekeye abagandaguye Melchior Ndadaye rwungururijwe muri Sentare ntahinyuzwa, kubera ko reta itashimye urwari rwaciwe. Ibirori vyo kwibuka igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye vyatunganijwe mu gihugu cose kur'uwu wa kane, igenekerezo rya 22 z’ukwezi kw’icumi, ariko mu bibanza vyinshi vyibonekeza ko abanyagihugu basanzwe batitaba cane ivyo birori. Abaganiriye n'Ijwi rya Amerika bavuga ko badahimirizwa bikwiye ariko ngo baremera iragi ryo guharanira demokarasi rya Ndadaye. Abo banyagihugu bagiriza abanyaporitike ko batubahirije ingendo ya demokarasi. Umupatiri yasomye imisa yo kwibuka umuhisi Melchior Ndadaye nawe nyene yaraneguye amajambo yo gucanishamwo abanyagihugu, no gukumirana mu nzego. Uwo mupatiri yasavye abanyaporitike kwirinda ayo majambo na cane cane mu bihe vyo kwiyamamariza amatora yimirije mu Burundi.

Inyuma y'igandagugwa rya Melchior Ndadaye, abanyagihugu barenga ibihumbi amajana abiri barishwe, mu bwicanyi bufatiye ku bwoko, nk'uko amaraporo y'amashirahamwe yigenga yagiye arabishikiriza. Raporo y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU yakozwe ku bwicanyi bwabaye mu mwaka w'i 1993 mu Burundi yaremeje ko habaye ubwicanyi bw'ihonyabwoko, ariko nta reta n'imwe y'Uburundi irasaba ko ubwicanyi bwakozwe buhanwa. Mu myaka w'i 1972 n'i 1965 harakozwe kandi ubwicanyi, Abarundi bamwe bita ko ari ihonyabwoko ry'abahutu. Perezida Mechior Ndadaye yagandaguwe inyuma y'amezi atatu gusa,umugambwe wiwe utahukanye intsinzi mu matora ya mbere yatunganijwe mu ntwaro y'imigambwe myinshi.

Reta y'Uburundi yaremeje ko Melchior Ndadaye ari incungu ya demokarasi, iruhande y'umuganwa Rudoviko Rwagasore, incungu y'intahe yo kwikukira. Melchor Ndadaye yiciwe mw'ikambi y'igisoda i Bujumbura, mw'ijoro ryo ku wa 21 ukwezi kw'icumi 1993. Benshi mubo bafashanya gutwara igihugu nabo nyene baragandaguwe, harimwo n’umukuru w'Inamanshingamateka. Igikorwa co kumenya ukuri ku bwicanyi bwabaye n'umugambi wo kunywanisha Abarundi biriko biraringanizwa mu Burundi. Ariko amashihamwe yubahiriza agateka ka zina muntu amenyesha ko afise amakenga ko ubutungane buzohava bunigirwa mu menshi.


XS
SM
MD
LG