Uko wahagera

Inkino no Kunonora Imitsi  mu Burundi 


Uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, Madame Lydia Nsekera, aherutse ku genwa ngo aserukire ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe inkino (Commite Olympique) mu Burundi.

Ico gikorwa cahora kuva kera gihabwa abagabo, none bubaye ubwambere cegukira umukenyezi, kandi umukenyezi w’umurundikazi. Nti bitangaje kubona yizigigwa akongera agatogwa n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejewe inkino, kuko n’abarundi bari baramwzigiye bamushinga amabanga yo kurongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru.

Madame Lydia Nsekera yarahaye ikiganiro Marie-Claire Sissoko, umumenyeshamakuru wa Radiyo Ijwi rya Amerika, amubwira ingene yakiriye iryo genwa. Yamwishuye avuga ko ryamuhaye inguvu zo kubandanya guteza imbere inkino muri rusangi, zirimwo n’urukino rw’umupira w’amaguru. Twumvirize ico kiganiro ku buryo buramvuye:

XS
SM
MD
LG