Uko wahagera

Urwaruka n’Imyuga mu Burundi 


Ukwigisha imyuga urwaruka rwaciye mu ngorane, bizotuma rwitunga muri Kazoza. Yvonne Nizeyimana yaragendeye ikigo c’abagira neza cigisha imyuga AHD(Action Humanitaire contre la Delinquence). Ico kigo kiri mu ntara ya Muyinga kireze abana 57. Benshi baturutse mu buzima bwo mw’ibarabara, abandi mu buhungiro. Harimwo mbere n’abahora ku rugamba, n’impfuvyi zaturutse mu bigo bimwe bimwe nka SOS.

Inyigisho ntangamarara zifatiye ku gusubiza urwo rwaruka indero runtu. Nk’uko Amiel Uwizera akurikirana ico kigo abiyaga, uguhanahana ivyiyumviro ku buzima umwe umwe yaciyemwo, ni vyo vyirwa biza imbere. Eric Niyonkuru ajejwe ico cirwa abisigura avuga ko uguserura ingorane umwe wese yagize,gutuma urwo rwaruka ruremeshanya. Vyongeye abakiri bato babona ko ata gusubira guha amatwi ababahenda. Philemenon Nsengiyumva yahoze ku rugamba mu muhari FNL atuyagira avuga ati:“Ndababwira ingorane ziri mu kiroberi..., n’aho umupoliticien yoza mu bisanzwe bavuga bati bomwamirira kure, bavuga bati, ubu ni ukwijukira ibintu vy’imyuga.”

Mu mezi ane urwo rwaruka rumaze mu nyigisho, rwarateye intambwe mu bumenyi. Miburo Issa, umwe mu bahoze ku rugamba aza azi gusambura no guteranya ibice bikuru bikuru vy’imoteri. Mu myimenyerezo y’ingene ibitoro n’amavuta bikora n’ukwo imoteri idashuha, Barantanguye Alexis, umwe muri iyo miyabaga avuga ko aronka amanota mirongo ibiri kuri mirongo ibiri. Ku ruhande rw’abarezi, icizere co kwitunga mu buzima kuri urwo rwaruka kiriho. Kukaba nkakwo, abarererwa mu mashirahamwe yandi ya AHD, ari i Ngozi, Gitega na Bujumbura, baronka akazi mu magaraje bitagoranye. Eka n’abajejwe intwaro barashima izo nyigisho zigwanya ingeso mbi mu Rwaruka. Daniel Nijimbere, umuhanuzi wa Bulamatari w’intara ya Muyinga, asanzwe afise abana batatu akurikirana muri ico kigo atuyagira avuga ati:“Ubugizi bwa nabi burashobora kuzogabanuka bimwe biboneka, bivanye n’uwo mwuga bazoba bijukiye, no kuzobaha ico bakora”

Ukwimenyekanisha mu Bushikiranganji bw’Urwaruka, Imicokama n’Inkino, bizotuma impapuro z’umutsindo zitangwa na AHD zigira akamaro gusumba.


XS
SM
MD
LG