Ubuzima bw'impunzi z'Abanyamulenge zimaze imisi zihanganye
n'abaporisi mu Burundi mu tara ya Mwaro bwifashe nabi. Reta y'Uburundi na HCR
bivuga ko bidashobora gufasha impunzi zanse kuja mw'ikambi nshasha yateguwe
mu buseruko bw'Uburundi.
Amashirahamwe y'abagiraneza na HCR amaze indwi zitatu ahagaritse igikorwa co
gufasha izo mpunzi z'Abanyamulenge zanse kuja mw'ikambi nshasha yateguwe mu
buseruko bw'Uburundi. Ikambi zahoramwo nayo yarasambuwe, imishamirano hagati
y'izo mpunzi n'abaporisi irabandanya. Freddy
Gakunzi aserukira izo mpunzi, avuga ko muri kino gihe bafise ingorane zikomeye
zo kubura ivyo bafungura n'aho barara. Amagara y'abana ngo arasinzikaye cane.
Umushikiranganje wajejwe intwaro yo hagati mu gihugu mu Burundi, Edouard
Nduwimana, yabwiye Ijwi rya Amerika ko izo mpunzi zifise ingorane koko, ariko
ngo nibo bazitera kuko batubahiriza amategeko. Radio Ijwi rya
Amerika yaraganiriye kandi kuri terefone n'umukenguzamateka Moise Nyarugabo
w'Umunyamulenge ari i Kinshassa. Uwo mukenguzamateka aranegura uburyo abaporisi
b'Abarundi bakoresheje inguvu mu kubuza impunzi zipfuza gusubira mu gihugu
cazo.
Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu mu Burundi asigura ko reta
y'Uburundi itabujije izo mpunzi gutaha, ngo habaye ukutumvikana ku buryo izo
mpunzi zisubira muri Congo iyo zaje ziva.
Kw'igenekerezo ry'indwi mu gitondo, amakamyo ya HCR yagiye gutwara izo mpunzi i
Bwagiriza mw'ikambi nshasha yaratewe amabuye n'abo Banyamulenge. Reta y'Uburundi
iriko irabandanya kujijura izo mpunzi ngo zemere kuja mw'ikambi nshasha canke
naho zemere gusubizwa mu gihugu cazo n'amakamyo ya HCR. Icibonekeje n'uko izo mpunzi
zitizeye ko ayo makamyo yobatwara iyo bipfuza kuja. Benshi mur'izo mpunzi
bacitse kw'icumu mu bwicanyi bwakorewe Abanyamulenge mu mwaka w'i 2004 mu
Gatumba mu Burundi.