Uko wahagera

Mu Mugambwe FNL  Zirakubitana Amahembe 


Ikoraniro ryo ku w'Imana igenekerezo rya kane ukwezi kwi cumi, umwaka wi 2009 rirongowe na Pasteur Habimana na Jacques Kenese, baherutse gukurwa mu baherutse gukugwa mu gambwe FNL n'umukuru w'uwo mugambwe Rwasa Agathon, yafashe ingingo yo gukombora Rwasa Agathon, mu kibanza c'umukuru w'umugambwe FNL. Mur'iyo nama yabereye i Bujumbura ku mugwa mukuru w'Uburundi, Kenese Jacques, niwe yatowe ngo arongore umugambwe. Pasteur Habimana asubizwa mu kibanza co kuvugira uwo mugambwe.

Iyo nama yatunganijwe inyuma y'aho umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, Edourd Nduwimana, yandikiye abarongoye FNL ngo batunganye ikoraniro kaminuza rishinga inzego zemewe mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu. Abitavye iryo koraniro bashika amajana ane, ahanini bagizwe n'imisore. Abatunganije ibikorwa bavuga ko bavuye mu ntara zose z'igihugu, kandi bose ari abanywanyi b'umugambwe FNL. Pasteur Habimana avuga ko bakuye Rwasa kubera ko ngo yatwaye nabi umugambwe, mu gukura abantu uko ashatse.

Rwasa Agathon abandanya avuga ko ariwe aramutswa umugambwe FNL. Avuga ati "ikoraniro kaminuza ry'umugambwe ritumwako n'umukuru w'umugambwe none siko vyagenze. Kandi abavuga ko batunganije ikoraniro kaminuza barakuwe mu mugambwe. Rwasa Agathon yagiriza umugambwe CNDD-FDD ko ariwo uriko ucanishamwo abanywanyi b'umugambwe FNL kugira ngo uwuce inguvu mu matora yimirije mu 2010.

Umugambwe FNL wavuye mu muhari Palipehutu FNL, uherutse gushira ibigwanisho hasi ukinjizwa mu nzego z'umutekano no mu bisata bitandukanye vy'igihugu. Imigambwe yose yitwa ko ikomeye mu Burundi iramaze kugira ingorane zo gucanamwo.


XS
SM
MD
LG