Uko wahagera

Isanurwa ry’Amabarabara mu Burundi


Ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya ririko rirasanura amabarabara mu Burundi. Umukuru w'igihugu c'Uburundi Petero Nkurunziza aherutse gutanguza ibikorwa vyo kwubaka ibarabara riva mu ntara ya Ruyigi rija mu Cankunzo mu buseruko bw'Uburundi. Iryo barabara rifise ibirometero hafi ijana rizokoreshwa n’amafaranga y'amarundi imiriyaridi mirongo umunani, atanzwe n'ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya.

Mw'ijambo Perezida w'Uburundi yashikirije, yarakengurutse imfashanyo z'ibihugu vya Bulaya, aca asigurira abanyagihugu bitavye ibirori ko bagiye kuharonkera akarusho mu vyerekeye kwiyunguruza no gushora canke kugura ibidandazwa. Ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya riri mubashigikira Uburundi mu kunagura ubutunzi inyuma y'intambara.

Ishirahamwe SOGEA SATOM niryo ririko rikora ibikorwa vyo gusubiramwo amabarabara menshi yo mu Burundi ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya ririko rirasanura. Kuva Uburundi bwinjira mu ntambara mu mwaka w'i 1993 amabarabara yagiye arasamburwa n'abagwana. Kuyasanura biragorana kubera ubukene bwatewe n'iyo ntambara.

XS
SM
MD
LG