Uko wahagera

Abandi Basirikare Batanu b'Abarundi Bishwe muri Somalia   


Umuvugizi w'ugwego gw’igisirikare c'Uburundi, Birigadiye Jenerari Lazar Nduwayo aremeza ko abasirikare batanu b'Abarundi bishwe n'intagondwa zo muri Somalia. Birigadiye Jenerari Lazar Nduwayo, yabwiye Ijwi rya Amerika ko abasirikare batanu b'Abarundi mu barungitswe guhagararira amahoro muri Somalia, harimwo Birigadiye Jenerari Juvenal Niyoyungurza asanzwe ari icegera c'umukuru w'abasirikare b'Abaganda n'Abarundi bahitanywe na za bombe z'intagondwa, ku wa kane, igenekerezo rya 17, inyuma y'umutaga. Birigadiye Jenerari Lazar Nduwayo ntaco yavuze ku boba bakomeretse, ariko avuga ko bababaye cane.

Inyuma y'aho ibiro bikuru vya gisirikare i Bujumbura bironkeye iyo nkuru mbi, vyaciye bitunganya inama nyishi z'abakuru bakuru mu vya gisirikare, ariko zabaye mu mwiherero.
Ku wa gatanu igenekerezo rya 18, bivugwa ko reta y'Uburundi itegekanya kugira ico ishikirije. Umuvugizi w’urwego rwa gisirikare mu Burundi abandanya avuga kw’igitero cahitanye abo basirikare b'Abarundi, cagizwe na kamyo zibiri zasizwe irangi ry'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika, zarimwo bombe z'abihevyi bagiye bagana aho abasirikare b'Abaganda n'Abarundi baba.

Igitero co kur'uyu wa kane gikozwe inyuma y'urwandiko rw'umugwi w'intagondwa z'aba EL Shebabe rusaba ko abasirikare b'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika na cane cane Abarundi bosubira iwabo. Urwo rwandiko rwahawe uwuserukira Ubufaransa muri Somalia igihe basubiza umufaransa bari bagize imbohe mu kwezi k'umunani guheze. Mu kwezi kwa kabiri abasirikare cumi n'umwe b'Abarundi barishwe aho nyene muri Somalia, mu bitero vy'imigwi igwanya reta ya Somalia. Ariko mu nyuma reta y'Uburundi yararungitse abandi basirikare bagiye kwunganira abari bamazeyo umwaka.

Igihugu c’Uburundi n'igihugu ca Ouganda vyarungitse abasirikare bashika ibihumbi bitatu muri Somalia gufasha guhagararira amahoro, bibisambwe n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika. Igihugu ca Somalia kimaze imyaka irenga cumi n'itanu kiri mu ntambara y'imigwi itandukanye ya benegihugu.


XS
SM
MD
LG