Uko wahagera

Itegeko Rishasha Rigenga Amatora mu Burundi


Inyuma y’imibonano myishi hagati y’abagize inama nshingamateka, n’impari nyishi hagati y’abanyepolike ku vyerekeye iyo nteguro yatevye kuboneka, inama nshingamateka yemeje integuro y’iryo bwirizwa mu mpere z’indwi yaraye irangiye.

Ugwego rujejwe amatora mu Burundi CENI, gwari rumaze imisi rusaba iryo tegeko kugira ngo rushobore gutangura gukora, none ubu ruvuga ko runejerejwe n’igikogwa inama nshingamateka yaranguye, kandi kirimwo n’ingingo nshasha.

Ku bashingamateka 109 batoye integuro y’iryo bwirizwa, 98 nibo bayemeje. Ku bakenguzamateka 48 nabo batoye iyo nteguro, yemejwe n’abakenguzamateka 43.

Mu vyumvikanyweko, harimwo cane cane, urutonde rw’amatora. Hazotangura amatora yo mu ma Komine, hakurikire ay’umukuru w’igihugu, hakurikire ay’abashingamateka n’ay’inamankenguzamateka, hanyuma basozerere kuyo ku mitumba. Hazokoreshwa kandi amakarata menshi, ariko imw’imwe izoba, iriko ikimenyetso kiranga umugambwe uri mw’ihiganwa.

Ibintu bishasha ngo n’uko amajwi azoharugwa kabiri, kandi ngo umushingamateka canke umukenguzamateka yikuye, canke agakurwa m’umugambwe wamutoje ku rutonde gwawo, azoca atakaza intebe yiwe, mu gihe yabanje kwitwara, hanyuma ubutungane bukamukubita intahe mu gahanga.

Kugirango iyo nteguro ibe itegeko, itegerezwa gutegwako igikumu n’umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza. Kandi ngo ivyo bizoba vyatuganijwe imbere y’impera z’iyi ndwi dutanguye.
Twumvirize k’uburyo buramvuye iyi nkuru dukeza, Erc Manirakiza.

XS
SM
MD
LG