Uko wahagera

Urwego rw'Umuhuza w'Igihugu ''Ombudsman'' 


Inama nshingamateka y’Uburundi yaremeje mu bikorwa bidasanzwe, integuro y'itegeko rishinga umuhuza w'igihugu bita ''OMBUDSMAN''. Abashingateka bose bari bitavye ivyo bikorwa, bemeje integuro y'iryo tegeko, inyuma y'insiguro z'umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, ku bijanye n'akamaro k'uwo muntu.

Umushikiranganji yavuze ko uwo muhuza w'igihugu ategekanijwe mu masezerano y'i Arusha, aho Abarundi baganira kugira ngo batorere umuti amatati yabashize mu ntambara bamazemwo imyaka irenga cumi. Uwo mushingantahe canke umupfasoni ategerezwa kuba afise imyaka mirongo ine, azoba ajejwe kwumvikanisha abatwara n'abatwagwa mu matati yose ashobora kwaduka. OMBUDSMAN ategerezwa kuba yarize kaminuza mu gisata kijanye n'ivyintwaro canke ivy'amategeko, kandi akaba afise imyaka cumi n'itanu y'akazi. Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana, yaremeje ko urwego rwa OMBUDSMAN ruzofasha mu guteza imbere intwaro ibereye, ku neza y'abatwara n'abatwagwa.

Umuhuza w'igihugu ''OMBUDSMAN'' yahawe icubahiro c'icegera ca mbere c'umukuru w'Inama nshingamateka, ni ukuvuga ikibanza ca gatandatu mu gihugu. Abashingamateka bamwe bamwe babona ko ico kibanza ari gito, uravye igikorwa c'uwo muhuza. Integuro ishinga urwo rwego ntitomora neza ingene agenwa, ariko integuro ivuga ko kugira ngo yemezwe, ategerezwa kwemezwa n'ibice bitatu kuri bine vy'abashingamateka na bibiri kuri bitatu vy'abakenguzamateka.

XS
SM
MD
LG