Uko wahagera

Abaporisi Babiri Barishwe mu Burundi 


Abanyagihugu barishe abaporisi babiri m’ubuseruko bw'Uburundi. Umuvugizi w'urwego rw'igiporisi, Pierre Channel Ntarabaganyi, yabwiye Ijwi rya Amerika ko ku musi w'Imana abanyagihugu bishe abaporisi babiri, muri komine Gasorwe, mu ntara ya Ruyigi, m’ubuseruko bw'Uburundi. Abo baporisi ngo bafashwe bariko bariba. Pierre Channel Ntarabaganyi yavuze ko urupfu rw'abo baporisi rubabaje, ariko ngo nibo barwirondereye.

Umuvugizi w'urwego rw'igiporisi aributsa ko ukwihanira bitarekuwe n'amategeko y'Uburundi, ariko ntatomora ingingo izofatigwa abo banyagihugu bishe abaporisi. Uwo muvugizi w'igiporisi amenyesha ko bimaze kugaragara ko igitigiri c'abaporisi bigenza nabi gitera ciyongera, naho ibihano bifatwa. Abandanya avuga ko n’igitigiri c'abaporisi bapfungwa naco nyene gitera ciyongera.

Ku musi w'Imana igenekerezo rya gatandatu mu gatondo niho abanyagihugu bo ku musozi Muhindo, muri zone Ndemeka, komine Gisuru mu ntara ya Ruyigi bafata abaporisi babiri bafise inkoho bari bagiye kwiba. Abo baporisi babonye bafashwe barasa hejuru, ariko abanyagihugu babaye benshi, bakoresha amabuye ari nayo yahavuye yica abo baporisi. Iyi nkuru iremezwa na musitanteri wa komine Gisuru, Egide Ndikuriyo. Abo baporisi bagiye kwiba bitwaje inkoho y'ubwoko bwa Kalashinikov ifise inomero 90250 hamwe na grenade. Bamaze kwicwa babasanzeko impapuro zerekana ko bakora mu ntara ya Cankuzo, ihana urubibe n'intara ya Ruyigi.

Abanyagihugu baganiriye n'Ijwi rya Amerika basigura ko bashima kwihanira iyo bafashe umusuma, kubera ko, ngo kenshi na kenshi, iyo bamushikirije ubutungane, buca bumurekura inyuma y’imisi mikenya, kubera ko yatanze ruswa.



XS
SM
MD
LG