Uko wahagera

Perezida Nkurunziza kw’ Ijwi rya Amerika


Inyuma y’imyaka ine reta ya Perezida Nkurunziza imaze ku butegetsi, Iradiyo Ijwi rya Amerika yarabajije umukuru w’igihugu c’Uburundi imigambi reta yiwe yaranguye mur’ico gihe, ivyagenze neza hamwe n’ibitagenze neza.

Perezida Nkurunziza yaravuze kandi ku gashimwe yaronse gahabwa abategetsi babaye akarorero mu kwitaho ineza y’abanyagihugu.

Ibindi bibazo Perezida Petero Nkurunziza yishuye birimwo ibibazo vyerekeye umutekano, ubucamanza, umwuka mubi uri hagati y’umugambwe uri ku butegetsi hamwe n’iyindi migambwe yo mu Burundi, irimwo imigambwe itavuga rumwe na reta.

Ni mwumvirize ido n’ido y’ico kiganiro, Frederic Nkundikije yagiranye na Perezida w’Uburundi, Petero Nkurunziza.

XS
SM
MD
LG