Uko wahagera

Amafaranga Akoreshwa na Reta mu Mwaka w'i 2009 Yasubiwemwo.


Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya mirongo ibiri n'icenda Inamanshingamateka y'Uburundi yaremeje integuro y'itegeko risubiramwo amafranga reta ikoresha mur'uwu mwaka w'i 2009. Ayo mafaranga yavuye ku miriyaridi amajana umunani na mirongo ibiri na zitandatu aja ku miriyaridi amajana umunani na mirongo ine n'umunani.

nyuma y'insiguro zatanzwe n'umushikirangaji w'ikigega ca reta Clotilde Nizigama, abashingamateka bari bitavye ibikorwa bose baremeje iyo nteguro y'itegeko. Umushikiranganji Nizigama yasiguye ko amafaranga yinjira mu kigega ca reta yagiye agabanuka cane kubera imva zitatu nyamukuru;umbwambere amatagisi ava mu gitoro yaragabanutse cane kubera n'ibiciro vyagiye bimanuka, umbwakabiri isukari yagurishijwe nabi ku masoko mpuzamakungu, umbwagatatu, Ububirigi n'Ubufaransa ntibugitanga amafaranga afasha ikigega c'Uburundi kubera ko cagiye mu bihugu vyahebewe imyenda.

Ibice birenga mirongo itanu na kimwe kw'ijana vy'amafaranga reta y'Uburundi ikoresha ku mwaka ku mwaka biva hanze bigatangwa n'abasanzwe bafasha Uburundi. Gushikamur'uku kwezi kw'icenda umushikiranganji w'ikigega ca reta yabwiye abashingamateka ko ibice cumi kw'ijana vy'amafaranga yitezwe gutangwa n'abasanwze bafasha Uburundi nivyo vyonyene bimaze kuboneka. Kenshi abo batanga amafaranga baraba ingene ivyerekeye intwaro ibereye vyifashe; agateka ka zina muntu,ikoreshwa ry'amatungo ya reta n'ivyerekeye ubutungane.


XS
SM
MD
LG