Uko wahagera

Rwasa Agathon Yirukanye Paseur Habimana  mu Mugambwe FNL


Pasteur Habimana yahoze avugira umuhari Palipehutu FNL ukirwanira mw'ishamba yarakuwe mu mugambwe FNLmu mpera z'indwi irangiye. Impera y'bamenyeshamakuru umukuru w'umuhari FNL Rwasa Agathon yatangaje ko afuswe muri FNL kubera imva z'amakosa akomeye cane.

Rwasa Agathon yabwiye abameneshamakuru ko Pasteur Habimana yagirizwa kwiba umugambweamafaranga agera ku miriyaridi zibiri z'amafaranga y'amarundi no gucanishamwo abanywanyi b'umugambwe. Iyo ngingo itangajwe inyuma y'icuka kibi cavugwa n'abegereye FNL hagati ya Rwasa Agathon n'umumuvugizi wa FNL Pasteur Habimana kuva aho umuhari Palipehutu FNL uhagarikiye intambara ukemera kwinjizwa mu nzego inyu y'ibiganiro.

Abo bantu batashimye ko tubavuga amazina babwiye Ijwi rya Amerika ko Pasteur Habimana yoba yaratwaye amafaranga menshi cane y'umugambwe akayaha umutanzaniyakazi yahavuye agira umugore wa kabiri. Amafaranga amwe ngo yoba yakoreshejwe mukubakira uwo mugoremushasha wa Pasteur Habimana inzu muri karitiye ya Kariyako i Dar Es Salaam muri Tanzania no mu ntara ya Kigoma.

Pasteur Habimana kuri terefone y'Ijwi rya Amerika yavuze ko yemeye ko yakuwe mu mugambwe kuko ngo Rwasa Agathon arabifitiye uruhusha ariko ivyo yagirizwa vyose arabihakana agtangara avuga ko mu myaka cumi bari bakoranye atigeze amwagiriza ikintu na kimwe canke ngo amwandikire ikete rinegura inyifato yiwe. Psteur Habimana asigura ko akuwe mu mugambwe kubera ko yigisha amahoron'ubumwe.

Abarundi banonosoye ivya poritike baganiriye n'Ijwi rya Amerika babona ko iryo kurwa mu mugambwe ryerekana ko amafaranga yatangwa nk'imfashanyo, umugambwe ukirwana yakoreshejwe nabi ariko kandi ngo ikurwa rya Pasteur rije kugabanya inguvu za FNL mu gihe warusanzwe widogerwa n'abahoze kurugamba barenga ibihumbi cumi barungitswe muhira ata faranga na rimwe bahawe. Ivyongo bizogira ingaruka mbi cane kuri FNL mu matora yimirije mu 2010.

Umuhari Palipehutu FNL niwo muhari winjiye ubwanyu mu nzengo uhagaritse intambara. Mu Burundi abagize imigambwe n'imihari bagiye basubiranamwo bamwe bagashima gushinga imihari canke imigambwe yabo;abanonosoye ivya poritike basigura ko kenshi abarongoye imigambwe bashira imbere amaronko yabo.

XS
SM
MD
LG