Uko wahagera

Perezida Nkurunziza  yiyemeje Kuvuza Abakenyezi Bibungenze kuva Bagisama Inda Gushika Bibaruke... 


Umukuru w'igihugu c'Uburundi mw'ijambo yashikirije abanyagihugu kur'uwu wa gatatu aho yahimbaza imyaka ine irangiye atwara Uburundi yamenyesheje ko mu misi iza atatomoye neza reta arongoye igiye kuvuza abakenyezi bafise imbanyi kuva bagisama inda dushika bibaruke.

Perezida Petero Nkurunziza yagabishije abaforoma n'abaganga bakunda guhagarika akazi ko babandanije bazohanishwa ibihano bikomeye. Mw'ijambo ryiwe perezida w'uburundi yashimye ivyo yaranguye aca yiyemeza gutunganya amatora yimirije mu mwaka w'i 2010 mu mahoro n'umutekano.

Muguhimbaza imyaka ine irangiye arongoye igihugu Perezida Nkurunziza kur'uwu wa gatatu inyuma y'umutaga yatanguje igikorane c'amasengesho n'inyigisho z'Imana kizoremeshwa n'abakozi b'Imana bava mu bihugu vya kure nka Reta Nzunze ubumwe za Amerika. Ico kiganiro catunganijwe n'umuryango w'umukuru w'igihugu kizomara imisi itanu.

Perezida Nkurunziza yagiye k'ubutegetsi mu mwaka w'i 2005 inyuma y'amatora yatsinzwe n'umugambwe CNDD FDD wahoze ari umuhari urwanya ubutegetsi. Mu myaka ine irangiye perezida Nkurunziza yerekanye ko asenga cane agakunda n'ukurima no gutera agapira. ubutunzi bw'igihugu ntibwifashe neza kubera intambara yamaze imyaka irenga cumi, ubukene bw'akazi nabwo burabangamiye cane cane urwaruka. mu matora yimirije nta nkeka ko umugambwe CNDD FDD uzomutanga ngo awuserukire.


XS
SM
MD
LG