Uko wahagera

Umugambwe CNDD FDD Ukwije Imyaka Ine Utwara mu Burundi...


Kur'uwu wa gatatu igenekerezo rya mirongo ibiri na gatandatu umwaka w'i 2009 umugambwe CNDD FDD uhimbaza imyaka ine irangiye ugiye ku butegetsi inyuma y'amatora yo mu 2005. Umuvugizi w'uwo mugambwe ONESIME NDUWIMANA yabwiye Ijwi rya Amerika ko imigambi imaze gukorwa ishimishije kandi ngo yarafashije abanyagihugu.

Umushingamateka ONESIME NDUWIMANA ashimikira ku ngingo zafashwe zo kuvuza abana bari munsi y'imyaka itanu n'abakenyezi bibungenze, hamwe no kwigisha abana ku buntu mu mashure matomato. Umugambwe CNDD FDD urashima kandi intambwe igezweko mu vyerekeye umutekano ariko umuvugizi w'uwo mugambwe aremerako ikibazo co ubukene bw'akazi kitashoboye gutorerwa umuti.

Umuvugizi w'umugambwe FRODEBU Pancrace Cimpaye avugako utavuga rumwe na reta ku kibazo c'iyo myaka ine irangiye y'ubutegetsi bwa CNDD FDD yabwiye Ijwi rya Amerika ko intwaro y'umugambwe CNDD FDD yaranzwe no no kutubahiriza demokarasi, ivy'agateka ka zina muntu n'ubwigenge bw'abanyagihugu. Pancrace Cimpaye asigura kandi ko ibiturire n'isesagurwa ry'amatungo ya reta vyimonogoje. Onesime Nduwimana avugira umugambwe CNDD FDD avuga ko ibivugwa n'umugambwe FRODEBU bijanye no kurondera amajwi yo mu matora yo mu 2010.

Abanyagihugu baganiriye n'Ijwi rya Amerika mu makaritiye atandukanye mu gisagara ca Bujumbura, bamwe bavuze ko bashimishwa n'ivyaranguwe n'umugambwe CNDD FDD mur'iyi myaka ine irangiye, abandi banegura ko ubukene bwiyongeye, amafaranga akagenda ata agaciro, ubwicanyi nabwo ngontibwagabanutse naho amahoro asa n'ayagarutse. Umukuru w'urunani rw'amashirahamwe atarondera inyungu za poritike Pacifique Nininahazwe yasiguriye Ijwi rya Amerika ko hariho ingingo zafashwe zorohereza abanyagihugu ariko ngo ivyerekeye agateka ka zina muntu n'ubwigenge bw'abanyagihugu ngo vyarasubiye inyuma cane.

XS
SM
MD
LG