Uko wahagera

Abashingamateka n'Abakenguzamateka Bariko Biga ivyo Gukingira ibidukikije. 


Umugwi w'abashingamateka n'abakenguzamateka ujejwe gukingira ibidukikije washinzwe kur'uwu wa kabiri mu namay'ibikorwa vyo guhimiriza abaserukira abanyagihugu ngo bitwararike ibidukikije.

Abarongoye ishirahamwe CFDAC rikingira ibidukikije mu karere ka Afrika yo hagati basiguriye abitavye inyigisho zitangwa ko abaserukira abanyagihugu bategerezwa gutahura akamaro k'ibidukikije kugira ngo babimirize abanyagihugu, Inyigishi zatanzwe zirerekana ko ibidukikije ari ubuzima kandi ko kuta bikingira bifise ingaruka mbi ku bindi binyabuzima vyose.

Abashingamateka n'abakenguzamateka bariko bakurikirana inyigisho biyemeje kuja mu ntara vyihutirwa kugira basigurire abanyagihugu inabi y'imiriro ya nyakanga yamaze amashamba menshi mu ntara nyinshi z'igihugu. Amahegitari ashika ku bihumbi ijana aramaze guturirwa mu mezi abiri arangiye nk'uko vyemezwa n'abakurikirana ivy'agateka ka zina muntu.

XS
SM
MD
LG