Uko wahagera

Abana ibihumbi mirongo irindwi na na bane barapfa ku mwaka badashikanye  imyaka itanu mu Burundi...


Raporo UNICEF yashikirije kur'uwu wa gatatu abamenyeshamakuru bariko biga ibijanye n'agateka k'abana mu ntara ya Gitega ku vyerekeye uburyo abana babayeho mu Burundi yerekana ko abana ibihumbi mirongo irindwi na bana bapfa uko umwaka utashe batarakwiza imyaka itanu. Abana barenga ibihumbi mirongo ine nabo bapfa batarashikana umwaka.

Umuhinga mu bijanye n'amagara y'abana Deo Manirakiza ari nawe yashikirije iyo raporo ya UNICEF asigura ko ibice birenga mirongo irindwi kw'ijana vy'abana bapfira mu hira, abavyeyi bariko baribaruka. Mu Burundi abana ngo bitaba Imana bakiri bato cane kubera ugufungura nabi,ingwara zo gucibwamwo, marariya no guhema nabi. Umuhinga deo Manirakiza avuga ko gucandagisha abana vyateye intambwe ishimishije ariko ngo biribonekeza ko ingorane nyinshi zibangamiye ugugambi usangiwe n'ibihugu vyo kw'isi,umugambi ushimikiye kw'iterambere n'amagara y'abakuze n'abana no guteza imbere inyigisho.

Raporo ya UNICEF yerekana kandi ko ibice mirongo ibiri na bitatu kw'ijana vy'abana aribo baronka amazi y'ivyunyunyu iyo bagwaye ingwara yo gucibwamwo,ibice mirongo itatu na bine kw'ijana nabo nibo bakaraba bakoresheje isabuni. Ibice umunani kw'ijana vy'abana nibo baryama mu misegetera irimwo umuti, ibice bibiri kw'ijana gusa vy'abana nibo bashobora kuronka umuti uvura uguhema nabi ku bana.

XS
SM
MD
LG