Uko wahagera

Impunzi z'abanyamulenge ziba mu Burundi zanse kurungikwa  mu buseruko bw'igihugu


HCR n'urwego rw'igihugu rujejwe impunzi mu Burundi vyatanguje ibikorwa vyo kwimura impunzi ibihumbi bitatu bari basanzwe ahitwa Gihinga mu ntara ya mwaro mu gihugu hagati batwarwa mu ntara ya Ruyigi mu buseruko bw'Uburundi ku rubibe Uburundi buhana n'igihugu ca Tanzania.

Ibikorwa vyo kwimura izo mpunzi ntivyagenze nk'uko vyari bitegekanijwe,abakongomani b'Abanyamule bagize ibice birenga mirongo icenda kw'ijana vy'izo mpunzi ntibemeye kurira amakamyo yategerezwa kubajana mu Ruyigi. Imiryango mike y'Ababembe n'Abafurero niyo yemeye kurira ibiduga vyari vyateguwe. Freddy Gakunzi aserukira Abanyamulenge bagiye kumara imyaka itatu i Gihinga mu ntara ya Mwaro yabwiye Ijwi rya Amerika ko base kuja mu Ruyigi ku mvo z'umutekano bakaba bashimye gusubira mu gihugu cabo ca Kongo.

Freddy Gakunzi asigura ko mu ntara ya Ruyigi iyo banse kuja ari hafi y'urubibe Uburundi busangiye na Tanzania kandi ngo ubwicanyi bwakorewe Abanyamulenge mu mwaka w'i 2005 mu Gatumba ngo vyatewe n'uko izo mpunzi zari ku rubibe. Koroneri Didace Nzikoruriho atwara urwego rujejwe impunzi mu Burundi yabwiye Ijwi rya Amerika ko Uburundi budashobora kubuza impunzi zipfuza gutaha ku gushaka kwazo ariko ngo birakenewe ko abategetsi b'Abarundi bavugana n'abategetsi bo muri Kongo kugira izo mpunzi zitegurirwe aho zizoshikira.

Mu Burundi impunzi z'Abakongomani zirenga ibihumbi cumi na bibiri bagiye barahunga intambara n'umutekano muke muri Kongo kuva mu mwaka w'i 2000, benshi ni Abanyamulenge. Izo mpunzi ziri mu bibanza bitandukanye, umugwi wa mbere ni impunzi ziba mu gisagara ca Bujumbura mu karitiye anyuranye, uwa kabiri wubakiwe i Gasorwe mu buraruko bw'Uburundi, umugwi wa gatatu n'uwabo ba kongomani bari mu ntara ya Mwaro.
Mu mwaka w'i 2004 impuzi z'Abanyamulenge 166 barishwe mw'ikambi yo mu Gatumba hafi y'igisagara ca Bujumbura. Amatohozwa yakozwe ntarashobora gutuma ababikoze bamenyekana neza ngo barengutswe imbere y'ubutungane.

XS
SM
MD
LG