Uko wahagera

Ingwara y'Akamangu Gaterwa n'Ingurube


Umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu mu Burundi yasavye abitaho amagara y'abantu n'abajejwe intwaro ngo bitegurire kugwanya ingwara y'akamangu gaterwa n'ingurube. Yavuze ko gashobora gutera igihe icar’ico cose.

Umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu mu Burundi, Emmanuel Gikoro, yatanguje ibikorwa vyo kwigisha abatwara intara z'ubuvuzi, abajejwe intwaro, n'urwego rw'igiporisi, cane cane urukora ku mbibe z'Uburundi, kugira ngo bashobore kugwanya ingwara y'akamangu gaterwa n'ingurube. Muganga Emmanuel Gikoro yasiguriye Ijwi rya Amerika ko yatanguje izo nyigisho kubera ko mu bihugu vyegereye Uburundi; nka Ouganda, Tanzania na Kenya, hamaze gutorwa abantu bagwaye iyo ngwara yandukira cane. Uruja n'uruza rw'abantu n'ibintu hagati y'ivyo bihugu n'Uburundi, rurakomeye cane. Abadandaza b'abarundi barangura ibidandazwa muri Kenya, Tanzania na Ouganda ni benshi cane. Abava mur'ivyo bihugu bazanye ibidandazwa mu Burundi nabo nyene batera biyongera. Muganga Emmanuel Gikoro aremeza ko akamangu gaterwa n'ingurube gashobora kwinjira mu Burundi umwanya uwar’iwo wose.

Umushikiranganji Emmanuel Gikoro ariko aremera ko imiti ifasha mu kuvura abagwaye idakwiye. Mu gihugu cose hari imiti ishobora kuvura abantu ibihumbi cumi na bitanu n'amajana ane, ku ngwara bemera ko yandukira cane. Mu Burundi kandi guskika ubu nta cuma gipima iyo ngwara kihari. Umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu mu Burundi asigura ko bikora ku vyuma vy'i Kigali mu Rwanda. Ivyo ngo vyarashitse mu misi iheze aho ingenzi zishika icenda zari zivuye muri Zimbabwe, ziketswe ko zifise iyo ngwara ku kibuga c'indege ca Bujumbura. Abo bantu bugaraniwe ku kibuga c’indege, gushika ivyuma bipima iyo ngwara bivuye i Kigali, bikerekana ko badafise akamangu gaterwa n’ingurube, inyuma y'amasaha arenga umunani.

Uretse ko Uburundi budashobora gupima ingwara y'akamangu gaterwa n'ingurube, iyo ngwara yadutse iva mu gihugu ca Mexique mu kwezi kwa kane, imaze guhitana abantu igihumbi n'amajana atanu na mirongo itanu kw'isi. Nta miti ihari ishobora kuvura abanyagihugu banduye ingwara y'akamangu gaterwa n'inkoko, isa n'iyiterwa n'ingurube. Umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu mu Burundi yabwiye Ijwi rya Amerika ko imiti mike ihari ivura iyo ngwara igenewe abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi n'abategetsi bakuru bakuru b'igihugu.


XS
SM
MD
LG