Uko wahagera

Ibitaro vy'i Kigutu muri Komine Rumonge Birugaye


Ibitaro vy'i Kigutu bishigikiwe n'Abanyamerika nti biratangura gukora. Ivyo bitaro vy'ahantu hitwa i Kigutu, muri komine Rumonge, mu ntara ya Bururi, vyubatswe n'ishirahamwe ry'Abanyamerika ''Village Health'', vyari bitegekanijwe ko bitangura gukorera ku mugaragaro ku wa mbere igenekerezo rya 27 z’ukwezi kw’indwi, ariko nti vyuguruwe nk'uko vyari bitegekanijwe.

Ku musi wa kabiri igenekerezo rya 28, ukwezi kw’idwi, umupfasoni Sola Broum yaserukiye ishirahamwe ''Village Health '', yamenyesheje ari mu Rumonge ko ibitaro vy’i Kigutu bitazokwugurugwa uwagandaguye umushoferi w'ivyo bitaro kw'igenekerezo rya cumi na gatatu ukwezi kw'indwi umwaka w'i 2009 atamenyekanye ngo afatwe, hanyuma arengutswe imbere y’ubutungane. Umufpasoni Sola Broum avuga kandi ko umutekano w'abakozi b'ivyo bitaro udashemeye.

Ibitaro vy’i Kigutu bimaze umwaka vyubatswe. Vyari vyaratanguye gukora bukebuke, ariko nti vyari bwugururwe icese. Ibikoresho biri mur'ivyo bitaro birakomeye cane, kandi nti biboneka mu bitaro vyinshi vyo mu gihugu. Abaganga mirongo ibiri b'Abanyamerika nibo bafashanya n'Abaganga b’Abarundi mu kwakira abagwaye. Abantu ba ntahonikora n'abahunguka bahora bakirwa n’ivyo bitaro ari benshi cane, kandi bakavugwa ku buntu. Abo bantu babwiye Ijwi rya Amerika ko bababajwe n’ukubona ivyo bitaro vyugaye.


XS
SM
MD
LG