Uko wahagera

Ingwara ya Korera mu Gisagara ca Bujumbura


Kuva mu ntango z'iyi ndwi, abantu mirongo itatu na batandatu bagwaye ingwara ya kolera baramaze kwakirwa mu bitaro Prince Regent Charles, bisanzwe vyakira abagwayi benshi bafise uburyo buke. Aho twashika kuri ivyo bitaro ku wa kane, igenekerezo rya 23 mur’uku kwezi kw’indwi, abo bagwaye bari baremvye.

Abantu bamaze kwandura iyo ngwara ya korera bava mu makaritiye atandukanye y’igisagara ca Bujumbura, nayo akaba ari Kinama, Kamenge, Buyenzi, Musaga na Gihosha. Abajejwe ubuvuzi babwiye Ijwi rya Amerika ko imiti ihari ikwiye kandi ko itangwa ku buntu. Ariko igitangaje ngo n'uko mu gihe c'ici, ico kiza ca korera kitakunda gufata abantu.

Abajejwe intwaro baganiriye n'Ijwi rya Amerika, basiguye ko ico kiza giterwa n'isuku rik, haba mu miryango canke mu tuzu tw'uburiro badandarizamwo ibifungurwa bitetse n'isuku rike, hamwe no m’utuzu twa suwumwe. Abanyagihugu bo mu makaritiye amaze guterwa na korera, ku ruhande rwabo bavuga ko iyo ngwara ibakarira kuko bafise ubukene bw'amazi meza. Aho radiyo Ijwi rya Amerika yaciye nko ku Musaga, Kamenge na Kinama, abantu bavyuka isaha cumi z'ijoro bagiye gutonda imirongo kugira ngo baronke amazi atarenga amaritiro mirongo ibiri. Ku vyerekeye ibito vy'amazi navyo, ngo kenshi na kenshi usanga bitarenga bitatu mw'ikaritiye yose.

Imyanda iragwiriye mu makaritiye yo ku nkengera z'igisagara ca Bujumbu, kubera ko ishirahamwe SETEMU rijejwe gukura iyo myanda ritagikora neza, biturutse ku ngorane z'amafaranga. Abajejwe intwaro n'ubuvuzi mur'ayo makaritiye, bamaze guhimiriza abanyagiihugu ngo bijukire isuku, no kureka gukorana mu minwe igihe bariko bararamukanya.

Tukivuga ku vyerekeye ingwara z’ivyaduka, ingwara itaramenyekana neza ngo imaze kwica abasirikare batatu b'Abarundi bari mu gihugu ca Somalia. Kapitene Clement Cimana, umuvugizi w’inteko za Afrika ziri guhagararira amahoro muri Somalia bita AMISOM, yabariye Ijwi tya Amerika kw'iterefone ko abasirikare batatu b'Abarundi bamaze gupfa bahitanywe n’iyo ngwara itaramenyekana neza.

Uwo muvugizi wa AMISOM amenyesha kandi ko abandi basirikare mirongo itatu bafashwe n'iyo gwara, ubu bakaba bagwariye mu bitaro vy'i Nairobi muri Kenya. Kapitene Cimana Clement avuga ko abafatwa n'iyo ngwara bavyimba umubiri wose, bagacibwamwo umurindi w'amaraso utera wiyongera, hanyuma bakagira n’umuriro mwinshi cane.

Umuvugizi wa AMISOME yasiguriye Ijwi rya Amerika ko naho iyo ngwara itaramenyekana neza, abaganga bamaze kwihweza abagwayi baremeza ko iyo ngwara iterwa n'udukoko badatomora neza. Muri utwo dukoko bashiramwo inzoka n'imbeba zishobora kuba ziri hafi y'aho abo basirikare baba.

Mu basirikare b'Abarundi igihumbi n'amajana indwi bagiye guhagararira amahoro muri Somalia, abashika cumi n'umunani baramaze guhitanwa n'ibitero vy'abihevyi biyitirira idini rya Islamu.


XS
SM
MD
LG