Uko wahagera

Imigenderanire ya Guinee Equatoriale n'Uburundi


Ibihugu vya Guinnee Equatoriale n'Uburundi vyagiriranye amasezerano yo gufashanya. Inyuma y'urugendo rw'imisi itatu umukuru w'igihugu ca Guinnee Equatoriale, Obiang Nguema Mbasogo, yagize mu Burundi, Uburundi na Guinee vyemeranije kwunga ubucuti mu gufashanya mu bisata bitandukanye.

Perezida w'Uburundi na Perezida wa Guinee Obiang Nguema Mbasogo, barashize ibikumu ku masezerano atomora ukwo gufashanya. Muri urwo rwandiko, igihugu ca Guinee Equaoriale ciyemeje gufasha Uburundi mu vyerekeye imyuka ikoreshwa mu guteka, ibitoro , gufasha mu vyerekeye kwubaka no kugwiza amasoko ntanganguvu.

Umukuru w'igihugu c'Uburundi, Petero Nkurunziza, yemereye mugenzi we wa Guinee ko Uburundi bugiye guha ico gihugu ivyamwa n'ibindi biterwa biva mu Burundi. Perezida Nkurunziza nti yatomoye ivyo vyamwa n'ibiterwa bizojanwawa mu gihugu ca Guinee, ariko yemeza ko bishobora kuzotuma Uburundi buronka amafaranga y'agaciro. Ikawa n'icayi ni vyo biterwa Uburundi bushora mu mahanga ku mafaranga y'agaciro.

Igihe yasezera mugenzi we, Perezida wa Guinee Equatoriale, Petero Nkurunziza umukuru w'igihugu c’Uburundi, yabwiye abamenyeshamakuru ko mu myaka cumi irangiye, igihugu ca Guinee Equatoriale cari mu bihugu bikenye, ariko ngo ubu ico gihugu kiri mu bihugu bimaze kugira intambwe ikomeye mw'iterambere. Perezida Nkurunziza yashimye ahanini ko ico gihugu kitagikoresha ibiti mu guteka, ati badufashije bizogira akamaro kanini ku bidukikije.

Mu misi itatu yaramaze mu Burundi, Perezida wa Guinee Equatoriale yaragendeye ishirahamwe rihingura isukari SOSUMO n’inyubakwa y'umugambwe CNDD FDD iherutse gusenyuka igahitana abantu cumi na batanu bahasize ubuzima. Imbere yo gufata indege imutahukana, Perezida Obiang Nguema Mbasogo yasavye Abarundi kubandanya gutsimbataza umugambi w'amahoro no ku nywanisha abarundi.

XS
SM
MD
LG