Uko wahagera

Amatora yo mu Mwaka wi 2010 mu Burundi


Reta y’Uburundi yafashe ingingo y’uko amatora yo mu mwaka w’i 2010 azotangurira ku matora y’umukuru w’igihugu. Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi wa reta y’Uburundu Philippe Nzobonariba.

Nk’uko umushingantahe Nzobonariba abivuga, reta yashatse gukurira inkoni ku gishitsi imigambwe itavuga rumwe na reta. Iyo migambwe imaze imisi isemerera, isaba ko integuro y’itegeko rizogenga amatora, yokwisunga ivyumvikanyweko mu nama yabaye mu kwezi kwa gatandatu guheze, itunganijwe na reta. Iyo nama yakoranije abanyepolitike, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye, hamwe n’abatari mu madini.

Ivyerekeye iryo tegeko nti biratungana, kuko ritegerezwa kubanza kwemezwa n’inama nshingamateka, hamwe n’inama kenguzamateka imbere y’uko rishigwa mu ngiro.

Twumve iyi nkuru k’uburyo buramvuye, mu kiganiro umumenyeshamakuru wa radiyo Ijwi rya Amerika, Eric Manirakiza, yagiranye n’umuvugizi wa reta, Philippe Nzobonariba:

XS
SM
MD
LG