Uko wahagera

Isanganya ku Nyubakwa y'Umugambwe CNDD-FDD i Gitega


Abantu cumi na batatu barapfuye bahitanywe n'inyubakwa y'umugambwe CNDD-FDD yasenyutse. Inyubakwa y'umugambwe CNDD-FDD uri k'ubutegetsi yasenyutse ku wa kane mu gitondo igenekerezo ry’icenda, mur’uku kwezi. Iyo ngoro y’umugambwe yariko irubakwa ku mugwa mukuru w'intara ya Gitega, yasenyukiye ku bantu bari barubaka, 13 barapfa, abarenga mirongo itanu barakomereka harimwo mirongo ibiri bababaye cane. Ivyo bigatangazwa n'abajejwe intwaro mu ntara ya Gitega, bikongera bikemezwa n'abarongoye umugambwe CNDD-FDD. Abashika ijana bari bakironderwa mu gitondo co kur'uwu wa kane.

Iyo nyubakwa yasenyutse yari ifise inzu zine zigerekeranye, zimwe bita etage m’ururimi rw’igifransa, ikaba yari ikiri mu rwubako. Abafundi mirongo indwi n'abafasha babo mirongo icenda nibo bakora kur'iyo nzu y'umugambwe CNDD-FDD. Ababona ingene iyo nzu yubakwa ariko babirabira kure hamwe n'abahegereye, babwiye Ijwi rya Amerika ko isima yari igenewe kwubaka iyo nzu y'umugambwe CNDD-FDD yibwa cane n'abari bajejwe kwubaka, bakayigurisha ku bantu bo mur’iyo micungararo canke abahita bakeneye isima.

Abakomeretse bakiriwe mu bitaro vy'i Gitega. Inama nshingamateka irimwo abashingamateka benshi bo mu mugambwe CNDD-FDD imaze kwumva iyo nkuru yaciye ihagarika ibikorwa vyari bitegekanijwe kur'uwo musi wa kane. Inyuma y’umutaga, umukuru w'umugambwe, Jeremie Ngendakumana, yari yamaze gushika kugarukira ku bahitanywe n'iryo sanganya.

Mu mezi ahezi, inzu z'umugambwe CNDD-FDD mu ntara zitandukanye z’igihugu zagiye ziraturirwa n'abantu kenshi na kenshi batamenyekanye. Mu nyuma umukuru w'umugambwe CNDD-FDD yatangaje ko bagiye kwubaka inzu zikomeye zitazoshobara guturirwa. Umugambwe wari watanguye kwubaka inzu z'umugambwe zubatswe kijambere i Bujumbura n'i Gitega.

XS
SM
MD
LG