Uko wahagera

Urwego Rukuru rw'Abacamanza mu Burundi 


Sendika y'abacamanza mu Burundi iranegura uburyo urwego rukuru rw'abacamanza rushingwa. Mu gihe urwego rukuru rw'abacamanza rusa n’urwarangije ikiringo carwo c'imyaka itatu gitegekanywa n'amategeko, sendika y'abacamanza SYMABU itangaza ko idashigikiye uburyo urwo rwego rushirwaho.

Mw'itangazo ryashizwe ahabona ku wa gatatu, igenekerezo rya 8, mur’uku kwezi kw’indwi, sendika SYMABU inegura ibintu bikuru bikuru bibiri ku vyerekeye urwego rukuru rw'abacamanza. Ica mbere ngo n'uko ku bantu cumi n'indwi bagize urwo rwego, umunani bagenwa n'umukuru w'igihugu, indwi nabo batogwa n'abandi bacamanza. Ica kabiri ngo n'uko umukuru w'igihugu ariwe arongoye urwo rwego, umushikiranganji w'ubutungane nawe akaba icegera ciwe.

Sendika SYMABU isigura ko uko urwo rwego rutunganijwe, bituma abacamanza badakora mu bwigenge. Ivyo bituma kandi ingingo za reta ku vyerekeye ubutungane zemezwa ata ngorane, n'aho zoba zibangamira akazi k'abacamanza. Urwego rukuru rw'abacamanza rufise uruhara rukomeye mu gisata c'ubutungane, cane cane mu gushinga amategeko agenga abacamanza, mu gutanga amapete y’akazi mu rwego rwo hejuru, mu gutanga akazi, no mu guhindura abacamanza bava muri sentare baja mu yindi.

Abarongoye sendika y'abacamanza basaba ko amategeko agenga urwo rwego rukuru rw'abacamanza yohinduka, abarugize bose bagatorwa n'abacamanza bagenzi babo, hanyuma umukuru w'igihugu n'umushikiranganji ajejwe ubutungane bakava mu bagize urwo rwego. Sendika SYMABU ivuga ko mu gihe ibintu vyohinduka mur’ubwo buryo, bishobora gufasha abacamanza n'abitura inzego z’ubutungane.

XS
SM
MD
LG