Igenekerezo rya 16 ry’ukwezi kwa 6, n’umusi wahariwe umwana wo muri Afrika. Ishirahamwe LIBEJEUN ryishinze guharanira agateka k'abana, ryateye akamo abanywa inzoga n'itabi ngo birinde gufata ivyo binyobwa kw'igenekerezo rya cumi na gatandatu ukwezi kwa gatandatu, umusi wahariwe umwana wo muri Afrika. Ishirahamwe LIBEJEUN risaba ko amafaranga abanywa itabi n'inzoga bokoresheje kur'uwo musi, boyafashisha amarerero y'imfpuvyi abegereye.
Mw'itangazo ishirahamwe LIBEJEUN ryasohowe, Deo Ndikumana arirongoye asaba abana borohewe kurusha abandi ngo uwo musi bawuhebere abatagira ico bafungura. Umusi wahariwe umwana wo muri Afrika, ushitse mu gihe ibitigiri vy'abana bo mw'ibarabara bibandanya kwiyongera mu Burundi. Amatohoza yagiye arakorwa n'amashirahamwe atandukanye avuga ko mu gihugu cose abo bana bashika ibihumbi bitandatu.
Mu gisagara ca Bujumbura, umugwa mukuru w'Uburundi, niho hari ibice birenga bibiri kuri bitatu vy'abana bo mw'ibarabara. Ku musi wahariwe umwana w'umunyafrika, abana baganiriye n'iradiyo Ijwi rya Amerika bose bavuze ko ari impfuvyi. Imvo zatumye bava mu ntara bavukiyemwo bakaja mu gisagara ca Bujumbura ni nyinshi.
Uwitwa Ketty afise imyaka cumi y’amavuko, avuga ko aba ku nkengera z'ikiyaga Tanganyika, ku musenyi. Afungura rimwe ku musi, iyo aronse umuha agafaranga. Ketty yatwiganiye ko yaje i Bujumbura ava i Gitega, ku birometero birenga ijana uvuye ku mugwa mukuru Bujumbura. Avuga ko se wiwe yitavye Imana, nyina wiwe nawe akaba apfungiwe mw'ibohero ry'i Gitega.
Niyonsenga Samuel afise imyaka cumi n'itatu yaje i Bujumbura ava mu ntara ya Cibitoke. Aba mw'ibarabara hafi y'aho bita Havana. Imvo yatumye aja i Bujumbura ngo n'uko nyina yapfuye, mukase nawe akamufata nabi. Nsengiyumva Moise afise imyaka cumi n'umwe yaje i Bujumbura ava mu ntara ya Kayanza. Ubu aba kw'ibarabara ry'indwi mu Buyenzi. Nsengiyumva Moise yabwiye Ijwi rya Amerika ko yapfishije nyina, se nawe agaca yihebera inzoga. Nti yari akibasumira. Ngendakumana Pascal yavuye i Ngozi, none akaba amaze imyaka itanu aba mw'ibarabara mu gisagara ca Bujumbura, yiganiye Ijwi rya Amerika ko yaramaze imyaka ine abeshejweho no kwiba, ariko ngo agiye kumara umwaka agerageza kubiheba.
Ngendakumana Moise ngo yabuze abavyeyi aca amanuka i Bujumbura kurondera amafaranga.
Abo bana baganiriye n'ijwi rya Amerika bavuze ko bafise ingorane zo gufungura no kwivuza iyo bakitswe n'amagara. Ikiza ca SIDA kiri mu bituma ibitigiri vy'impfuvyi vyiyongera. Ubukene nabwo butuma imiryango isambuka, abavyeyi nti babe bacitwararika abana babo, kuja mw'ishure bikaba umugani