Uko wahagera

Mu Burundi, Abaporisi 203 Barapfunzwe  


Abaporisi b'Abarundi amajana abiri na batatu barapfunzwe kubera ubwicanyi, ubusuma n'ayandi makosa bakoze. Raporo y'ubushikiranganji bujejwe umutekano mu gihugu iheruka gusohoka, ivuga ko abaporisi amajana abiri na batatu bapfungiwe mu busho butandukanye mu gihugu. Ivyaha abo baporisi bagirizwa biratandukanye, harimwo kwica abanyagihugu ataco bazira, ubusuma hakoreshejwe ibigwanisho no gufata abakenyezi ku nguvu.

Iyo raporo y'urwego rw'igiporisi yerekana ko abapolisi barenga mirongo itandatu bamaze gucirirwa urubanza. Umwe muri bo yasomewe urubanza rwo gupfungwa ubuzima bwiwe bwose. Iyo raporo ivuga ku vyerekeye amakosa yakozwe mu myaka itatu irangiye, inyuma y'ishingwa ry'ugwego gw’abapolisi rushasha rugizwe n'abapolisi bahoze mu giporisi ca reta n'abahoze mu migwi yagwanya ubutegetsi.

Kuva hanshinzwe urwego rw'abaporisi rushasha, raporo zagiye zirakorwa n'amashirahamwe yigenga ajejwe agateka ka zina muntu, yagiriza bamwe mu baporisi ko bagize uruhara mu mabi y'ubwicanyi, ubusuma no gufata abakenyezi ku nguvu. Raporo y'urwego rw’abaporisi isigura ko abagiye barafatwa bahagaritswe mu mabanga yabo bagashengezwa mu butungane. Ariko amashirahamwe ajejwe agateka ka zina muntu, nka Human Ritgh Watch, yavuze ko kenshi na kenshi abaporisi bakoze amabi aho gufatwa ngo bahanwe, barungitswe gukorera mu tundi turere kandi twa kure, mu banyagihugu batazi ivyo bakoze.

Raporo z’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu zisigura ko inyifato y'abaporisi bamwe bamwe itabereye, kubera ko bataronse inyigisho zijanye n'akazi barangura canke ivyerekeye agateka ka zina muntu. Urwego rushasha rw'abaporisi rwagiye rurashigwamwo abahoze bagwanira mw'ishamba, bagashingwa kenshi mbere amabanga akomeye, rimwe na rimwe batabifitiye ubumenyi bukwiye. Ivyo vyemezwa n'ishirahamwe Ligue Iteka riharanira agateka ka zina muntu mu maraporo ryagiye rirasohora.

XS
SM
MD
LG