Uko wahagera

Imfashanyo ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku Burundi


Reta Zunze Ubumwe za Amerika zatanze imfashanyo y'imiriyoni zibiri z'amadorari y'Abanyamerika yo gufasha amashirahamwe yigenga mu Burundi. Amashirahamwe atandatu matomato y'Abarundi bagerageza kwiteza imbere, yashikirijwe imfashanyo y'imiriyoni zibiri z’amadolari y’Abanyamerika zatanzwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika zibicishije mu mugambi ziyemeje wo guteza imbere ibihugu vyo muri Afrika. Iyo mfashanyo yashikirijwe n'umupfasoni Catherine S.Fowles, atwara uwo mugambi mu karere k'ibiyaga bini.

Uwuserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu Burundi, umupfasoni Patricia Moller, yahagarariye ibirori vyo gutanga iyo mfashanyo, yasiguye ko amashirahamwe yatowe bisunze ibikorwa vyaranguwe. Amashirahamwe yahawe iyo mfashanyo arangura imigambi yerekeye uburimyi n’imyuga. Mur'ayo mashirahamwe harimwo abakenyezi bagiye hamwe mu mugambi wo guteza imbere igiterwa c'umuceri.

Ibiro vy'uwuserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika i Burundi vyari bimaze gufasha amashirahamwe yitwararika gukingira ibidukikije, n'abigeme bagurisha umubiri yabo kubera ubukene. Amerika ifasha Uburundi mu bisata bitandukanye, harimwo n’abasirikare b'Abarundi bagiye guhagararira amahoro muri Somalia, baronkejwe inyigisho n'ibikoresho vya gisirikare vyatanzwe na reta Zunze Ubumwe za Amerika.


XS
SM
MD
LG