Uko wahagera

Impunzi z'Abarundi Zirabandanya Kwirukanwa mu Rwanda


Benshi mu mpunzi z'Abarundi birikanywe na reta y'Urwanda batahutse bakomeretse. Mu Barundi amajana ane na mirongo itatu na batatu bashitse mu Burundi kw’igenekerezo rya kabiri ry’uku kwezi kwa gatandatu batahukanywe ku nguvu, benshi muribo bavuye mu Rwanda iyo bari barahingiye bakomeretse.

Umushikiranganji ajejwe umugambi wo gufatana mu nda mu Burundi, umupfasoni Immaculee Nahayo yaganiriye na radiyo ijwi rya Amerika, avuga ko ivyo bintu bibabaje. Yahumurije abo ivyo bintu vyashikiye mu kubemerera ko ababijejwe mu Burundi bagiye kubiganira na reta y'Urwanda. Yamenyesheje ko ibiganiro bizoshimikira ku miryango cumi n'icenda yatahutse isiga amatungo yabo mu Rwanda, kubera ko batahawe umwanya n'uburyo bwo kwegeranya no gutahukana ivyo bari batungiye mu Rwanda.

Uwo mugwi w'Abarundi baherutse guhunguka ku nguvu washikiye ahitwa ku Mugano mu ntara ya Muyinga. Ico kibanza gisanzwe kibamwo abandi barundi amajana indwi, nabo nyene bahungutse bava mu Rwanda, ariko batahutse ku gushaka kwabo. Abagishika mur'ico kibanza, abahungutse babazwa ibijanye n'iyo bavuye, imiryango yabo, hanyuma bagaca barungikwa mu makomine bavukiyemwo. Abatacibuka iwabo kubera ko bavukiye mu buhungiro, abavyeyi babo bakaba bapfuye batarahunguka, bazokwubakirwa ibigwati bizokwitirwa Amahoro.

Umugwi w'Abarundi baherutse gutahuka ku nguvu ugizwe ahanini n'abana. Abo Barundi bisigura bavuga ko batipfuza gutahuka kubera ko, ku bwabo bibaza ko umutekano wabo utazokingirwa bikwiye mu Burundi. Bamwe muri abo birukanywe bavuga ko ishirahamwe HCR ryari ryabemereye kubarungika muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika canke mu gihugu ca Australia, kikaba ari naco gituma ngo batipfuza kugaruka mu Burundi. Uwuserukira Urwanda mu Burundi nti yashimye kugira ico avuze kw’iyirukanwa ry'abo bantu n’ukuntu birukanywe. Twobibutsa ko mu mezi aheze Uburundi bwirukanye ku nguvu Abanyarwanda bashika ibihumbi bibiri.

Uburundi n'Urwanda biherutse kwinjira mw'ishirahamwe ry'ibihugu vyo mu karere ko m’ubuseruko bwa Afrika. Iryo shirahamwe ritegekanya ko mu mwaka wi 2015, Uburundi, Urwanda, Ubuganda, Kenya na Tanzania bigize iryo shirahamwe bizohinduka Reta Zunze Ubumwe z’ibihugu vyo mu karere ko m’ubuseruko bwa Afrika, aho uruja n’uruza rw'ibintu n'abantu ruzoba ata nzitizi n'imwe.

XS
SM
MD
LG