Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi muri Somalia yaraye arangije urugendo rwiwe mu Burundi. Yari yagiye gusaba imfashanyo mu vyerekeye inyigisho za gisirikare, mu gihe intambara zikomeye zibandanya mu micungararo y'umugwa mukuru Mogadishio. Arangije urugendo rwiwe, umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi muri Somalia yabariye abamenyeshamakuru ko igihugu ciwe gikeneye imfashanyo ijanye n'inyigisho za gisirikare.
Muri ico kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya kabiri ry’uku kwezi turimwo, mu biro bikuru vy'intwaramiheto z’Uburundi, umushikiranganji Mohamed Abdi Mohamed yarashimye intererano z'abasirikare b'Abarundi bari guhagararira amahoro muri Somalia. Yamenyesha ko intumbero y'urugendo rwiwe ari iyo gusaba mugenzi we Presida w'Uburundi ngo abasirikare biwe bafashe cane cane mu vyerekeye inyigisho za gisirikare. Yavuze ati "muri bino bihe turakeneye cane cane ko ibihugu vyaje kudufasha guhagararira amahoro, bidufasha gukomeza igisirikare cacu." Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi mu Burundi, Riyetena Generari Germain Niyoyankana yaremeye gutanga iyo mfashanyo.
Mu vyerekeye intambara zikomeye mu micungararo y'igisagara ca Mogadiscio zivugwa mu maradiyo, umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi muri Somalia yariyemereye ubwiwe ko intamabara zikomeye. Yavuze ati: "ku makaritiye cumi n'atandatu agize igisagara ca Mogadishio, abahungabanya umutekano bafise amakaritiye abiri. Ariko naho nyene turiko turagerageza kubirukana, dufadikanije n'abasirikare b'Uburundi n'abo mu Buganda baje kudufasha.” Mur'ico kiganiro yaremesheje ari i Bujumbura, umushikiranganji Mohamed Abdi Mohamed yasavye ko abo basirikare bariko barabafasha bocungera kuruta ibibanza bikomakomeye nko ku kirimba kwa Perezida wa Somalia, ku kibuga c'indege, no ku kivuko.
Uburundi n’Ubuganda bigiye kumara umwaka n'amezi atandatu birungitse abasirikare bashika ibihumbi bitatu, guhagararira amahoro muri Somalia, kw'izina ry'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika. Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n'ishirahamwe ry'ubumwe bw'ibihugu vya Bulayi vyarafashije mu gutanga uburyo, ibikoresho, n'amafaranga. Ku basirikare igihumbi n'amajana umunani Uburundi bwarungitse muri Somalia, mirongo ibiri baramaze guhitanwa n’ibitero vy'abihevyi bagwanya ubutegetsi, biyitirira idini rya Islam. Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi muri Somalia avuga ko reta arimwo itazokwihanganira iyo migwi, n'ubwo yatangaje akiri i Bujumbura ko abipfuza ibiganiro bazokwumvirizwa.