Uko wahagera

Musitanteri wa Komine Kayogoro Arapfunzwe


Musitanteri wa komine Kayogoro yarafashwe yagirizwa urupfu rw'umunyeshure. Umushikirizamanza wa repuburika muri sentare isubiramwo imanza i Bujumbura, yasohoye urwandiko rutegeka ifatwa rya, Nestor Ntakarutimana, musitanteri wa komine Kayogoro, mu ntara ya Makamba.

Musitanteri Ntakarutimana ari mu minwe y'ubutungane kuva kw'igenekerezo rya 27 ry'uku kwezi kwa gatanu. Yagirizwa kuba yahaye itegeko abaporisi bamucungerera ubuzima ngo barase abanyeshure b'aba scout bo kw'ishure ya komine Kayogoro, kw'igenekerezo rya mirongo ibiri na rimwe ukwezi kwa gatanu. Abo banyeshure bari mu bikorwa vy'umuhari w'aba scout.

Ifatwa ry'uwo musitanteri rije rikurikira ifatwa ry'abaporisi batatu bagirizwa kuba bararashe abanyeshure. Ico gihe abanyeshure batatu barakomeretse cane, umwe akaba yaciye yitaba Imana ashitse mu bitaro vy'i Makamba mu bumanuko bw'Uburundi.


XS
SM
MD
LG