Uko wahagera

Ingorane z’Urwego Rujejwe Gutegura Amatora mu Burundi


Mu kiganiro Pierre Claver Ndayicariye Umukuru w'urwego rujejwe gutegura amatora mu Burundi-CENI, aherutse guha abamenyeshamakuru, yatangaje ko urwego arongoye rumaze hafi amezi abiri rushinzwe ariko rutararonka inyubakwa abagize urwo rwego bakoreramwo, kandi ko rudafise n’amahera rukoresha.

Pierre Claver Ndayicariye yabariye abamenyeshamakuru ko umugwi w'abantu batanu bagenywe n'umukuru w'igihugu ngo bategure amatora ategekanijwe mu kwezi kwa gatanu mu mwaka w'i 2010 ukeneye amafaranga yo gutangura ibikorwa ujejwe. Mu majambo yakoresha nti yatomoye neza igitigiri c’amahera akenewe, ariko ngo reta yameye kuyiha imiroyoni amajana atatu y'amarundi naho ataraboneka.

Abakurikiranye amatora yo mu mwaka wi 2005, ayanyuma aherutse gutunganywa mu Burundi, babwiye Iwi rya Amerika ko ibikorwa vyose vy’ayo matora vyatwaye imiriyoni mirongo ibiri na zibiri z'amadorari y'Abanyamerika, ni ukuvuga imiriyaridi mirongo ibiri na zibiri z'amarundi. Pierre Claver Ndayicariye yateye akamo abashobora gufasha abasaba kwihuta gutanga intererano y’amafaranga akenewe. Inyuma y'ako kamo, uwuserukira igihugu ca Norvege mu Burundi yabwiye abamenyeshamakuru ko igihugu ciwe kigiye gufasha, ariko nti yatomoye ingene kizofasha. Ico gihugu ciyemeje kuvugira Uburundi mw'ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya kugira ngo ibihugu bigize iryo shirahamwe bitange ayo mafaranga akenewe.

Umugwi ujejwe gutegura amatora mu Burundi wagenywe inyuma y'impari nyinshi. Abanyeporitike batavuga rumwe na reta bagiriza reta ko ikwega amaguru kugira amatora ntategurwe neza, imigambwe nayo ntironke uruhusha rwo gutangura guhiganwa. Pierre Claver Ndayicariye arongoye uwo mugwi aremeza ko, aravye ibikorwa bibarindiriye, umwanya usa n’uwuriko urabaherana. Uwo mugwi ujejwe amatora ufise akazi ko, gukurikirana ingene ibikorwa vy’ihiganwa bigenda, amajambo akoreshwa n'abahiganwa, gutanga ibihano igihe bibaye ngombwa, gukurikirana abahiganwa mu gihugu cose, guharura amajwi no gushikiriza ivyavuye mu matora.


XS
SM
MD
LG